Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:37 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu. Ariko muriko murondera ingene mwonyica kuko ijambo ryanje ritagira ikibanza mu mitima yanyu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Ndazi ko mur’ uruvyaro rwa Aburahamu, yamara murondera ingene mwonyica, kukw ijambo ryanje ritagira ikibanza muri mwebge.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:37
22 Referans Kwoze  

Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.


Kandi abakomoka kuri Aburahamu bose, ntibaca baba uruvyaro rwiwe nyakuri. Kuko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Uruvyaro nagusezeraniye uzoruronka biciye muri Isaka.”


Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica.


Bumvise ayo majambo baca batora amabuye ngo bayamutere, ariko Yesu aca arinyegeza, arasohoka ava mu rusengero.


Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe.


Ni kuki mudatahura inyigisho zanje? Ni kubera mudashobora no kwumviriza amajambo yanje.


Kuva uwo musi baca batangura gutegura ingene bokwica Yesu.


Mbega Mose ntiyabahaye Ivyagezwe? Ariko nta n’umwe muri mwebwe avyubahiriza. Ni kuki mushaka kunyica?”


Nuko Abayuda bongera gutora amabuye ngo bayamutere,


Babajije Yesu ico kibazo kugira ngo bamutege umutego, maze baronke aho bahera mu kumwagiriza. Ariko Yesu arunama atangura kwandikisha urutoke hasi.


Ico gihe bamwe mu bantu baba i Yerusalemu batangura kubazanya bati: “Mbega uwu si wa muntu bashaka kwica?


Mbega mwokwizera gute kandi murondera gushimana hagati yanyu, aho kurondera gushimwa n’Imana imwe rudende?


Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye; amatwi yabo ntashobora kwumva, kandi amaso yabo barayahumiriza. Ahandi ho bobonesheje amaso yabo, bakumvisha amatwi yabo, bagatahurisha imitima yabo; maze bagahindukira, nanje nkabakiza.’


Na bo baramwishura bati: “Twebwe turi uruvyaro rwa Aburahamu, ntitwigeze tuba abagurano b’umuntu n’umwe. Ni gute utubwira ngo tuzoronka ukwidegemvya!”


mureke kwibwira mu mitima yanyu muti: ‘Turi uruvyaro rwa Aburahamu’, kuko ndababwira ko no muri aya mabuye mubona, Imana ishobora gukuramwo abana ba Aburahamu.


Sokuruza wanyu Aburahamu yari yiteganye umunezero umusi wo kuza kwanje; yarawubonye kandi yaranezerewe.”


Ndabandikiye mwebwe bana bato, kuko muzi Data. Ndabandikiye mwebwe bavyeyi, kuko muzi Kristo yamyeho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe rwaruka, kuko mufise inkomezi, kandi ijambo ry’Imana rikaba mu mitima yanyu, ndetse mwaranesheje wa mubi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite