Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, umuntu wese akora icaha ni umugurano waco.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūkora icaha wese n’umuja w’icaha.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:34
16 Referans Kwoze  

Mbega ntimuzi ko iyo umuntu yahisemwo kuganzwa n’ikintu ahinduka umugurano waco? Umuntu ashobora kuba umugurano w’icaha, bikamushikana ku rupfu, canke agahitamwo kwumvira Imana, bikamushoboza kubaho ubuzima bugororotse.


Babasezeranira umwidegemvyo, ariko na bo ubwabo bakiri abagurano b’ivyonona (kuko umuntu wese ni umugurano w’ikimuganza ico ari co cose).


Icaha ntikikaganze mu mibiri yanyu izopfa umusi umwe, kandi ntimukumvire ivyipfuzo bibi vy’imibiri yanyu.


Turazi neza ko kamere muntu kacu k’icaha kabambanywe na Kristo ku musaraba, kugira ngo inkomezi z’uwu mubiri w’icaha zihindurwe ubusa, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha.


Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’ubwoko bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.


ivyo mwagenderamwo mukurikira inzira mbi z’isi, mwumvira wa mutware w’ubwami bwo mu kirere, ni we mpwemu ikorera mu mitima y’abantu batumvira Imana.


Imana ishimwe yo imbohora biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu! Nuko rero, mu mutima wanje ndipfuza cane kwumvira ivyagezwe vy’Imana, ariko muri kamere muntu kanje njakariye icagezwe c’icaha.


ko na vyo nyene bizobohorwa bikava mu buja bwo kubora, bigahabwa ku bwiza n’umwidegemvyo vy’abana b’Imana.


Ivyagezwe ubwavyo ni ivy’impwemu, ariko jewe ndi umuntu w’umunyantege nke ajakariye icaha.


Kuko ndabona ko wuzuye ishari ry’umururazi, kandi ko uri umugurano w’ikibi.”


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri.”


Ndababwire ukuri, igihe cose ijuru n’isi bizoba bikiriho, nta n’akadome na gatoya canke agakwabu ko mu vyagezwe vy’Imana kazovako, kugeza ivyo vyagezwe bishikije intumbero yavyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite