Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwizeye ati: “Ikizokwerekana ko muri abigishwa banje vy’ukuri ni ugushira mu ngiro inyigisho zanje.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Nuko Yesu abgira Abayuda bāri bamwemeye, ati Ni mwaguma mw ijambo ryanje, mur’ abigishwa banje vy’ukuri;

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:31
25 Referans Kwoze  

Umuntu wese azimira akava mu nyigisho za Kristo nta bucuti afitaniye n’Imana. Ariko umuntu wese aguma mu nyigisho za Kristo afitaniye ubucuti na Data n’Umwana.


Ariko weho, wumire ku vyo wigishijwe ukavyakira. Urazi ko ari ivy’ukuri, kuko urazi uwabikwigishije.


Ariko uwusuzuma neza ivyagezwe bitunganye kandi bitanga umwidegemvyo, hanyuma agashishikara kubikora, ntiyibagire ivyo yumvise, ariko akabishira mu ngiro, uwo ni we azohabwa umugisha mu vyo akora.


Wame wiyubara ku buzima bwawe, no ku vyo wigisha. Ubigiremwo umwete, ni ho uzokiza ubuzima bwawe n’ubw’abakwumva.


nimba vy’ukuri mwagumye mu kwizera, mushinzwe neza kandi mutanyiganyiga mu vyizigiro vyanyu biva mu Butumwa Bwiza. Ubwo ni bwo mwumvise kandi bwavuzwe mu vyaremwe vyose biri musi y’ijuru. Ubwo ni bwo jewe, Pawulo, nabereye umukozi.


Kuko twahindutse abafatanije na Kristo, nimba vy’ukuri tuzigamye, gushitsa kw’iherezo, ivyizigiro bishikamye nk’ivyo twatanguranye.


binginga abigishwa ngo bagume bahagaze mu kwizera. Bababwira bati: “Dutegerezwa guca mu bitubabaza vyinshi kugira twinjire mu Bwami bw’Imana.”


Mwebwe, nimuzigame mu mitima yanyu ivyo mwigishijwe kuva mu ntango. Nivyagenda uko, namwe muzoguma mu Mwana no muri Data.


Raba rero ingene Imana igira neza, ariko kandi igahambara: yahambariye abaguye, ariko wewe ikugirira ubuntu, nimba ushishikara kugendera muri ukwo kugira neza kwayo. Bitari ukwo, na wewe uzocibwa nta kabuza.


Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo.


Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azorokoka.


None rero, Umwana niyabagira abidegemvya, muzoba abidegemvya vy’ukuri.


Kuko umubiri wanje ni ico kurya c’ukuri n’amaraso yanje ni ico kunywa c’ukuri.


Abantu bamaze gutaha, benshi bo mw’isinagogi y’Abayuda hamwe n’abandi bizeye Imana bakurikira Pawulo na Baranaba, na bo bagenda barabahimiriza ngo bagume mu buntu bw’Imana.


Bavuye muri twebwe, ariko mu vy’ukuri ntibari abacu. Kuko iyo baba abacu, bari kugumana natwe. Ukugenda kwabo kwerekanye ko ata n’umwe muri bo yari uwacu.


Ntirizoba risa na rya sezerano nagirana na ba sekuruza babo, aho nabafata ukuboko nkabarongora ndabakura mu gihugu ca Egiputa, kuko ntibagumanye ubwizigirwa mw’isezerano ryanje, nuko nanje nca ndabakurako umutima, ni ko Uhoraho avuze.


Ariko abagore bazokirizwa mu kuvyara kwabo, ni baguma mu kwizera, mu rukundo, mu kwubaha Imana no mu kwicisha bugufi.


Yesu abonye Natanayeli aje amutumbereye, amuvugako ati: “Ng’uwu Umwisirayeli w’ukuri atagira ubugunge.”


Ariko Imana yagumye indinda gushika uwu musi. None mpagaze ngaha nshingira intahe abakuru n’abato. Nta co ndiko ndavuga kirengeye ivyo abavugishwa n’Imana na Mose bavuze ko bizoshika,


Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite