30 Maze benshi mu bamwumvise avuga ayo majambo baramwizeye.
30 Avuze ivyo, benshi baramwizera.
Ariko benshi mu bari aho baramwizeye, bavuga bati: “None Kristo niyaza azokora ibitangaza birenze ivyo uwu ariko arakora?”
Ivyo vyatumye Abayuda benshi bari baje kugarukira kuri Mariya bizera Yesu, bamaze kubona ivyo akoze.
Maze benshi mu bari aho bizera Yesu.
Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi.”
Yesu ari i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, abantu benshi baramwizeye babonye ibitangaza akora.