Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Mfise vyinshi nobavugako kandi mfise vyinshi vyobatsindisha. Ariko mbwira ab’isi ivyo numvise uwantumye avuga gusa, kandi avuga ukuri.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Mfise ivyo kubabarira vyinshi, no kubacira urubanza. Kand’ uwantumye n’uw’ ukuri; ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw isi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:26
17 Referans Kwoze  

Sinkibita abakozi, kuko umukozi ntamenya ivyo shebuja akora. Mwebwe nabise abakunzi banje, kuko ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.


Raba ndababwiye ukuri nigishijwe n’Imana, none mushaka kunyica. Aburahamu ntiyigeze akora ibisa n’ivyo.


kuko nabahaye amajambo wampaye kandi barayakira. Bamenye badakekeranya ko naje mva iwawe kandi bizeye ko ari wewe wantumye.


Yesu akiriko arigisha mu rusengero arasemerera ati: “Ni vyo muranzi, kandi murazi aho mva. Yamara sinaje mu bushobozi bwanje. Uwantumye ni umunyakuri, kandi ntimumuzi.


Nk’uko Imana ari umwizigirwa, ubutumwa bwacu ntibuvuga ngo “Egome” bisigura “Oya.”


Mfise vyinshi nashaka kubabwira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.


Yesu arabishura ati: “Inyigisho ntanga si izanje, ziva ku wantumye.


Ndakubwire ukuri, twebwe tuvuga ivyo tuzi, kandi dushingira intahe ivyo twabonye, ariko ntimwemera intahe yacu.


Baramubaza bati: “None uri nde?” Yesu arabishura ati: “Ndi urya namye ndababwira ko ndi kuva mu ntango.


Ariko ntibashoboye gutahura ko ariko avuga Se.


Yesu aramubwira ati: “Imisi yose navuganye n’abantu bose ku mugaragaro. Nigishirije mu masinagogi no mu rusengero, aho abantu bakoranira. Nta kintu na kimwe navuze ninyegeje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite