Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Yesu yongera kubabwira ati: “Ngiye kugenda, kandi muzondondera, ariko muzopfira mu vyaha vyanyu. Aho ngiye kuja, ntimushobora kuhashika.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Nuko yongera kubabgira, ati Jewe ndi mu kuhava, namwe muzondondera, kandi muzopfira mu vyaha vyanyu: jewe iyo nja mwebge ntimuzoshobora gushikayo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:21
21 Referans Kwoze  

Muzondondera ariko ntimuzombona; kandi ntimushobora gushika aho ngiye.”


Ni co gituma nababwiye ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko nimutizera ko ndi uwo nababwiye ko ndi, muzopfira mu vyaha vyanyu.”


Bana banje, nsigaje igihe gito cane ndi kumwe namwe. Muzondondera, kandi nk’uko nabibwiye Abayuda, namwe ndabibabwiye: ntimushobora gushika aho ngiye kuja.


Kera mwari mwarapfuye, mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu,


Maze Yesu arababwira ati: “Umuco wanje usigaje igihe gito co kubaboneshereza. Nimugendere mu muco bigishoboka, umwijima utarabahwikira. Umuntu wese agendera mu mwijima ntashobora kumenya iyo ariko araja.


Ivyo yabivuze ashaka kwerekana urupfu yari agiye gupfa.


Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira.”


Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.


Kuko ndababwira ukuri ko mutazosubira kumbona kugeza aho muzovugira muti: ‘Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!’”


Yashatse kuvuga iki aho yavuga ngo: ‘Muzondondera ariko ntimuzombona,’ canke ngo: ‘aho ngiye ntimushobora kuhashika’?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite