Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Yesu yavuze ayo majambo ariko yigishiriza mu rusengero, ahagaze hafi y’ico batorezamwo amashikanwa. Ariko nta n’umwe yamufashe kuko igihe ciwe kitari bwashike.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ayo majambo yayavugiye mw iyakīriro ry’amashikanwa, arikw arigisha mu rusengero; kandi nta n’umwe yamufashe, kukw igihe ciwe kitaribgashike.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:20
17 Referans Kwoze  

Maze abantu baca bagerageza kumufata ariko nta n’umwe yashoboye kumukozako ukuboko kuko igihe ciwe kitari bwashike.


Mwebwe nimugende ku musi mukuru. Jewe sinjayo kuko igihe canje kitarashika.”


Nuko Yesu yicara hafi y’ico batorezamwo amashikanwa mu rusengero, araba ingene abantu bashiramwo amafaranga y’ishikanwa. Benshi mu batunzi batanga menshi.


Bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko nta n’umwe yubahutse kumukozako ukuboko.


Nuko Yesu ahamagara abigishwa biwe arababwira ati: “Ndababwire ukuri, uwu mupfakazi w’umukene atanze ishikanwa rinini kurusha abandi bose.


Abakuru b’abaherezi batora ayo mahera, baravugana bati: “Ntivyemewe ko aya mahera tuyavanga n’ubutunzi bw’urusengero kuko yaguze amaraso.”


Nuko bagerageza kumufata kandi, ariko arabacika.


Bumvise ayo majambo baca batora amabuye ngo bayamutere, ariko Yesu aca arinyegeza, arasohoka ava mu rusengero.


Abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’abaherezi barondera ingene bomufata ubwo nyene, kuko bari batahuye ko ari bo ariko aravuga muri uwo mugani, ariko batinya abantu.


Hanyuma Yesu abwira ba bantu benshi baje kumufata ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri? Ni kuki mutamfatiye mu rusengero kandi ari ho nama imisi yose nigisha?


Yesu akiri mu rusengero, yunamura amaso abona abatunzi bashize amashikanwa yabo mu co bayatorezamwo.


Yesu aramwishura ati: “Muvyeyi, ivyo hari ico biturabako? Igihe canje ntikirashika?”


Umusi ugeze hagati, Yesu yinjira mu rusengero atangura kwigisha.


Kare mu gitondo c’umusi ukurikira asubira mu rusengero, maze abantu bakoranira aho ari, na we aricara arabigisha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite