Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Kare mu gitondo c’umusi ukurikira asubira mu rusengero, maze abantu bakoranira aho ari, na we aricara arabigisha.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza ah’ ari, aricara arabigisha.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:2
14 Referans Kwoze  

Hanyuma Yesu abwira ba bantu benshi baje kumufata ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri? Ni kuki mutamfatiye mu rusengero kandi ari ho nama imisi yose nigisha?


Imisi yose Yesu yama yigishiriza mu rusengero, ku mugoroba akava mu gisagara akaja kurara ku Musozi wa Elayono,


Ahejeje gusoma, aca azinga wa muzingo w’igitabu, agisubiza uwujejwe kukibika, aca aricara. Abari mw’isinagogi bose bamuhanga amaso cane,


Nuko yinjira muri bumwe; ubwo na bwo bwari ubwa Simoni, amusaba ngo abwigize mu mazi kure y’isi gato, na we abwicaramwo, atangura kwigisha abantu.


Yesu yavuze ayo majambo ariko yigishiriza mu rusengero, ahagaze hafi y’ico batorezamwo amashikanwa. Ariko nta n’umwe yamufashe kuko igihe ciwe kitari bwashike.


Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


kandi abantu benshi bama baza mu gatondo mu rusengero kumwumviriza.


Abigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo bazana umugore bafashe ariko arasambana, bamuhagarika imbere y’abari aho bose.


Bukeye binjira mu rusengero nk’uko babariwe, batangura kwigisha. Umuherezi mukuru n’abo bari bafatanije bashitse, baca bakoranya inama nkuru y’abarongoye ubwoko bw’Abisirayeli, baca barungika abarinzi b’urusengero kw’ibohero kuzana za ntumwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite