Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 8:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: “Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Yesu yongera kubabgira, ati Jewe nd’ umuco w’isi, ūnkurikira nta ho azogenda mu mwiza, arikw azogira umuco w’ubugingo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 8:12
31 Referans Kwoze  

Naje nk’umuco uboneshereza iyi si, kugira ngo ntihagire abanyizera baguma mu mwijima.


Nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi.”


Maze Yesu arababwira ati: “Umuco wanje usigaje igihe gito co kubaboneshereza. Nimugendere mu muco bigishoboka, umwijima utarabahwikira. Umuntu wese agendera mu mwijima ntashobora kumenya iyo ariko araja.


Muri umuco mu bantu bo mw’isi. Igisagara kiri hejuru ku gasozi, ntigishobora kunyegezwa.


Iki ni co kibatsindisha: umuco waje mw’isi, ariko abantu bakunda umwijima kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi.


Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.


Kuko Umwami yari yadutegetse ati: ‘Nagushiriyeho kuba umuco ku Banyamahanga, kugira ngo uzoshikane agakiza ku mpera z’isi.’”


ko Kristo akwiye kubabazwa, akaba impfura mu kuzuka mu bapfuye, maze akamamaza umuco mu bwoko bwiwe no mu Banyamahanga.”


Yesu aramwishura ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo. Nta n’umwe ashobora gushika kwa Data atanciyeko.


Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa.


Amahanga yose azogendera mu muco waho, kandi abami bo kw’isi bose bazohazana ubutunzi bwabo.


Ni umuco uzohishurira Abanyamahanga Imana, ni icubahiro ku bwoko bwawe bwa Isirayeli.”


Ibikorwa biteye isoni vyabo vyiyerekana nk’ifuro rikwiragizwa n’imipfunda yo mu kiyaga. Bameze n’inyenyeri ziyerera, zabikiwe gutererwa mu cobo c’umwijima w’umuzitanya w’ibihe bidashira.


Abo bantu bameze nk’amasoko yakamye n’ibicu bikubebwa n’umuyaga. Kandi babikiwe umwijima w’umuzitanya.


Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.


Nimwizere umuco mukiwufise, kugira ngo mube abana b’umuco.” Ahejeje kuvuga ayo majambo, Yesu aca aragenda arabinyegeza.


Nimba tuvuga ko dufatanije na yo ariko tukagendera mu mwijima, turi ababeshi kandi ntidukora ivy’ukuri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite