Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:35 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Abayuda baravugana bati: “Mbega uwu mugabo afise umugambi wo kuja he, aho tudashobora kumubona? Yoba ashaka kuja mu Bayuda baba mu Bagiriki? Yoba ashaka kuja kwigisha Abagiriki?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Maz’ Abayuda baravugana, bati Mbeg’ uyo agira aje hehe, aho twebge tutazoshobora kumubona? Agira aje mu bāsābagiriye mu Bagiriki, ngw aze yigishe Abagiriki?

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:35
29 Referans Kwoze  

Jewe Yakobo, umukozi w’Imana n’uw’Umwami Yesu Kristo, Ndabaramukije mwebwe abo mu miryango cumi n’ibiri mwasanzariye mu mahanga.


Jewe Petero, intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe abatoranijwe n’Imana mwashwiragiriye i Ponto, i Galatiya, i Kapadokiya, muri Aziya n’i Bituniya.


Mu bantu bari baje i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika gusenga, harimwo Abagiriki.


Kandi Imana yantoranirije kuba umuvuzi w’ubwo Butumwa Bwiza, nk’intumwa n’umwigisha.


Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.


Imana yahisemwo kumenyekanisha mu Banyamahanga ubutunzi n’ubwiza bw’iryo banga; iryo banga ni Kristo ari muri mwebwe, ivyizigiro vy’ubwiza.


Naho ndi uwo hanyuma y’abera bose, ubwo buntu bw’Imana narabugiriwe, ndaronka iryo teka ryo kubwira Abanyamahanga ubutunzi butagira urugero bafise muri Kristo.


Aca arambwira ati: ‘Genda, nzogutuma kure, mu Banyamahanga.’ ”


Ariko bumvise ko wigisha Abayuda bose baba mu Banyamahanga ngo bave mu vyagezwe vya Mose, kandi ngo ntibakebe abana babo, canke ngo babeho nk’uko imigenzo y’Abayuda ibitegeka.


Bavyumvise ntibagira ico basubizayo, ahubwo bashima Imana, bavuga bati: “Erega noneho Imana ihaye Abanyamahanga na bo akaryo ko kwihana ivyaha vyabo ngo baronke ubugingo budashira.”


Ivyo vyatumye Abayuda bibaza bati: “None agiye kwiyahura? Ni kuki avuze ngo: ‘Aho ngiye kuja, ntimushobora gushikayo’?”


Ni umuco uzohishurira Abanyamahanga Imana, ni icubahiro ku bwoko bwawe bwa Isirayeli.”


Amahanga azokwizigira izina ryawe.”


Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica.


Ariko bamwe muri bo, abava i Kupuro n’i Kurene, baja muri Antiyokiya, batangura kwigisha n’Abagiriki na bo, bababwira Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu Kristo.


Muri Ikoniyo, Pawulo na Barunaba binjira mw’isinagogi nk’uko bahora babigenza. Maze bavuga Ubutumwa Bwiza batarya umunwa, bituma Abayuda n’Abanyamahanga benshi bizera.


Bamwe mu Bayuda banyurwa n’izo nyigisho, baca bifatanya na Pawulo na Silasi, co kimwe n’igitigiri kinini c’Abagiriki bubaha Imana, hamwe n’abagore b’abanyacubahiro batari bake.


Ku misi yose y’Isabato Pawulo yama aja mw’isinagogi guharira n’Abayuda n’Abagiriki, akagerageza kwemeza.


Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni, kuko ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite