Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:33 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Yesu aravuga ati: “Ndi kumwe namwe igihe gito gusa, hanyuma nzoca nsubira ku wantumye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Maze Yesu aravuga, ati Hasigaye igihe gito nkiri kumwe namwe, nkaja ku wantumye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:33
16 Referans Kwoze  

Ariko ubu ngiye gusubira ku wantumye, kandi nta n’umwe muri mwebwe ambajije iyo ngiye kuja.


Bana banje, nsigaje igihe gito cane ndi kumwe namwe. Muzondondera, kandi nk’uko nabibwiye Abayuda, namwe ndabibabwiye: ntimushobora gushika aho ngiye kuja.


Data, ubu ndaje aho uri, ariko mvuze aya majambo nkiri mw’isi kugira ngo bagire umunezero wanje kandi bawugire wuzuye.


Jewe ngiye kuva mw’isi, nze aho uri, ariko bo baracari mw’isi. Data Wera, bazigamire mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa, kugira ngo babe umwe nk’uko wewe nanje turi umwe.


Naje mva kwa Data nza mw’isi, none ngiye kuva mw’isi nsubire kwa Data.”


barihenda ku vy’ukugororoka, kuko ngiye gusubira kwa Data kandi mukaba mutazosubira kumbona.


Hasigaye igihe gito isi ntisubire kumbona, ariko mwebwe muzombona, kandi ko ndiho, namwe muzobaho.


Yesu yari azi ko Se yamuhaye ububasha ku bintu vyose. Yari azi ko yaje ava ku Mana kandi ko yagira asubireyo.


Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.


Umwami Yesu ahejeje kubabwira ivyo, aca aduzwa mw’ijuru, yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana.


Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora.


Ndababwire ukuri, uwunyizera wese azokora ibikorwa nk’ivyo nakoze, mbere azokora n’ibibiruta, kuko jewe ngiye kuja kwa Data.


Mwibuke ivyo nababwiye: Ngiye kugenda ariko nzogaruka aho muri. Iyo muba munkunda, mwari kunezerezwa n’uko ngiye kuja kwa Data, kuko Data aranduta cane.


Yesu aramubwira ati: “Ntumfatire, kuko ntaraja kwa Data. Ahubwo genda ubwire bene Data ko mvuze nti: ‘Ngiye kuduga kwa Data ari we So, Imana yanje ari yo Mana yanyu.’ ”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite