Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Abafarisayo bumvise ivyo abantu bariko barongoreranira kuri Yesu, baca bafatanya n’abakuru b’abaherezi batuma abarinzi b’urusengero gufata Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Abafarisayo bumvise kw ishengero rimuvugana ivyo mu twongoshwe, abaherezi bakuru n’Abafarisayo batuma abagendanyi kumufata.

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:32
13 Referans Kwoze  

Wa mukuru w’abarinzi b’urusengero aca ajana n’abarinzi bari kumwe, baja kuzana za ntumwa. Ariko babazana ku neza badakoresheje inguvu, kuko batinya ko abantu bobatera amabuye.


Nuko Yuda aja muri iryo tongo, ajanye n’umurwi w’abasoda n’abarinzi b’urusengero barungitswe n’abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo. Bari bafise ibimuri, amatara n’ibigwanisho.


Nuko Abafarisayo baravugana bati: “Murabona ko ata co turiko turashikako. Isi yose iriko iramukurikira!”


Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [


Abafarisayo baca baragenda baja kugira inama barondera ingene bokwica Yesu.


Ariko Petero aguma inyuma yiwe, amukurikira agendera kure, kugeza ashitse mu rugo rw’umuherezi mukuru. Ashitse yicarana n’abarinzi b’urugo arindira kuraba ingene bija kurangira.


Maze abantu baca bagerageza kumufata ariko nta n’umwe yashoboye kumukozako ukuboko kuko igihe ciwe kitari bwashike.


Ariko bamwe muri bo baciye baja ku Bafarisayo bababwira ivyo Yesu yakoze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite