Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Maze abantu baca bagerageza kumufata ariko nta n’umwe yashoboye kumukozako ukuboko kuko igihe ciwe kitari bwashike.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira ūmukozako n’intoke, kukw igihe ciwe kitaribgagere.

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:30
22 Referans Kwoze  

Nuko bagerageza kumufata kandi, ariko arabacika.


Yesu yavuze ayo majambo ariko yigishiriza mu rusengero, ahagaze hafi y’ico batorezamwo amashikanwa. Ariko nta n’umwe yamufashe kuko igihe ciwe kitari bwashike.


Yesu arababwira ati: “Igihe canje ntikirashika. Kuri mwebwe igihe cose ni ciza.


Abafarisayo bumvise ivyo abantu bariko barongoreranira kuri Yesu, baca bafatanya n’abakuru b’abaherezi batuma abarinzi b’urusengero gufata Yesu.


Abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo bari batanze itegeko ko umuntu wese yobona aho Yesu ari yoca aja kubibabwira kugira ngo bamufate.


Dutegerezwa gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona. Ijoro riraje, aho ata wushobora gukora.


Bumvise ayo majambo baca batora amabuye ngo bayamutere, ariko Yesu aca arinyegeza, arasohoka ava mu rusengero.


Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu. Ariko muriko murondera ingene mwonyica kuko ijambo ryanje ritagira ikibanza mu mitima yanyu.


Mbega Mose ntiyabahaye Ivyagezwe? Ariko nta n’umwe muri mwebwe avyubahiriza. Ni kuki mushaka kunyica?”


Mwebwe nimugende ku musi mukuru. Jewe sinjayo kuko igihe canje kitarashika.”


Imisi yose namana namwe mu rusengero, ntimwigeze mumfata. Ariko noneho igihe canyu ni iki; umwijima ugira uganze.”


Abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’abaherezi barondera ingene bomufata ubwo nyene, kuko bari batahuye ko ari bo ariko aravuga muri uwo mugani, ariko batinya abantu.


Abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyanditswe bavyumvise baca batangura kurondera ingene bomwica. Ariko baramutinya kuko abantu bakunda cane inyigisho ziwe.


Baca barondera ingene bomufata, ariko batinya abantu kuko kuri bo Yesu yari uwuvugishwa n’Imana.


Nuko Abayuda bongera gutora amabuye ngo bayamutere,


Abafarisayo baca baragenda baja kugira inama barondera ingene bokwica Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite