Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nuko bene nyina ba Yesu baramubwira bati: “Va mu ntara ya Galilaya uje mu ntara ya Yudaya kugira ngo abigishwa bawe babayo babone ibikorwa ukora.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Nuko bene nyina baramubgira, bati N’uve ino, uje i Yudaya, abigishwa bawe na bo barābe ibikorwa ukora;

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:3
17 Referans Kwoze  

Yesu akiriko aravugana n’abantu isinzi bari aho, nyina na bene nyina baraza bahagarara hanze, bashaka kuvugana na we.


Mu bisanzwe, na bene nyina na bo ntibamwizera.


Petero aca arahaguruka ari kumwe na bamwe cumi n’umwe, avuga n’ijwi rirenga abwira abari aho ati: “Bayuda benewacu, namwe mwese muri i Yerusalemu, nimuntege amatwi, mutahure neza ibibaye.


Ariko bene nyina bamaze kugenda ku musi mukuru, Yesu na we aragenda ariko ntiyajayo ku mugaragaro, agenda yinyegeje.


Nyina wa Yesu na bene nyina baje kumuraba babura aho baca ngo bamushikire kuko hari abantu benshi cane.


Bene nyina ba Yesu na nyina baraza bahagarara hanze, batuma umuntu kumuhamagara.


Abo mu muryango wiwe bavyumvise, baja kumufata, kuko bivuga bati: “Yasaze.”


Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe.


Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”


Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe baca baragenda ntibasubira kumukurikira.


Nta muntu arondera kumenyekana hanyuma ngo akore yinyegeje. Ko uriko urakora ibikorwa nk’ibi, niwiyereke isi!”


Umuntu umwe aca amubwira ati: “Nyoko na bene nyoko bahagaze hanze, bariko barakurondera.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite