Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Nimba mushobora gukeba umwana w’umuhungu ku musi w’Isabato kugira ngo mwubahirize icagezwe ca Mose, ni kuki munshavurira iyo nkijije umuntu ku musi w’Isabato.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 None se, k’umuntu akebga kw isabato, kugira ngw icagezwe ca Mose ntimukirenge, none jewe mumpōra iki ko kw isabato nakijije umuntu yiramvuriye?

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:23
9 Referans Kwoze  

Canke mbega ntimurasoma mu vyagezwe ingene abaherezi batubahiriza umusi w’Isabato, iyo bariko barakora ibikorwa vyabo vyo mu rusengero kandi ntibagirizwe icaha?


Abafarisayo babibonye, baca baramubwira bati: “Ehe raba abigishwa bawe bariko bakora ikizira ku musi w’Isabato!”


ahasanga umuntu akongataye ukuboko. Kuko bashaka ico bafatirako kugira ngo bamwagirize, baramubaza bati: “Mbega biremewe gukiza umuntu ku musi w’Isabato?”


Abakuru b’Abayuda babwira wa muntu yakize bati: “Uwu ni umusi w’Isabato; ivyagezwe ntibikwemerera kwikorera ikirago cawe.”


Yesu arababwira ati: “Nakoze igitangaza kimwe ku musi w’Isabato mwese muratangara.


Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwu muntu yakoze ibi ntava ku Mana, kuko ntiyubahiriza umusi w’Isabato.” Ariko abandi barabaza bati: “None umunyavyaha yoshobora gukora ibitangaza nk’ibi?” Maze ivyo bituma bacanamwo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite