Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Abantu benshi baravuga bati: “Wewe uboshwe na dayimoni. Ni nde ashaka kukwica?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ishengero riramwishura, rit’ Urimwo dayimoni! Ni nde ashaka kukwica?

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:20
11 Referans Kwoze  

Benshi muri bo bavuga bati: “Aboshwe n’umudayimoni kandi arasara. Ni kuki mumwumviriza?”


Abayuda baramwishura bati: “Ntitwihenze aho twavuga ko uri Umusamariya kandi ko uboshwe n’umudayimoni!”


Abayuda bumvise ayo majambo baramubwira bati: “Ubu rero turatahuye neza ko uboshwe n’umudayimoni! Yaba Aburahamu canke abavugishwa n’Imana barapfuye, none wewe uvuze ngo: ‘Umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa!’


Ivyo yabivuze kuko bariko bavuga ngo arimwo impwemu mbi.


Ageze aho, Fesito aca amuciramwo asemerera ati: “Erega Pawulo wasaze! Ivyigwa vyinshi wize vyaragusarishije.”


Ariko Abafarisayo bavyumvise baca bavuga bati: “Uwo nta kindi kimushoboza kwirukana abadayimoni atari Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni.”


Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!


Ariko Abafarisayo bo baravuga bati: “Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”


Yesu arabishura ati: “Jewe simboshwe n’umudayimoni; nubaha Data ariko mwebwe ntimunyubaha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite