Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 7:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Mbega Mose ntiyabahaye Ivyagezwe? Ariko nta n’umwe muri mwebwe avyubahiriza. Ni kuki mushaka kunyica?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Mbega Mose si we yabahaye ivyagezwe? Ariko muri mwebge nta n’umwe yitondera ivyo vyagezwe. Muronderera iki kunyica?

Gade chapit la Kopi




Yohana 7:19
27 Referans Kwoze  

Ivyagezwe vyatanzwe biciye kuri Mose, ariko ubuntu n’ukuri twabihawe biciye muri Yesu Kristo.


Kuva uwo musi baca batangura gutegura ingene bokwica Yesu.


Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica.


Abafarisayo baca baragenda baja kugira inama barondera ingene bokwica Yesu.


Mbere n’abakebwe ntibashobora gukurikiza neza ivyagezwe vyose, ariko bagomba ko mukebwa kugira ngo bishimire ugukebwa kwanyu mu mibiri yabo.


None, ivyagezwe vyatangiwe iki? Vyatanzwe i ruhande y’isezerano kugira ngo vyereke abantu ivyaha vyabo. Ariko vyari vyashizweho gushika ku kuza kwa wa mwana yasezeranywe. Imana yatumye umumarayika aha ivyagezwe Mose, na we akaba yari umuhuza w’Imana n’abantu.


Yari mw’ikoraniro mu bugaragwa, ari kumwe na wa mumarayika yavugana na we ku musozi Sinayi hamwe na ba sogokuruza, aca ahabwa n’amajambo mazima, ayo yadusigiye.


Nuko bagerageza kumufata kandi, ariko arabacika.


Ico gihe bamwe mu bantu baba i Yerusalemu batangura kubazanya bati: “Mbega uwu si wa muntu bashaka kwica?


Ariko ntimwibaze ko ari jewe nzobagiriza imbere ya Data. Uwubagiriza ni Mose, uwo mwizigiye.


Ivyo vyatumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica; kuko uretse kutubahiriza Isabato, yavuze ko Imana ari Se, gutyo yigira uwungana n’Imana.


Nuko abakuru b’Abayuda batangura guhama Yesu, kuko yakoze ivyo ku musi w’Isabato.


Abafarisayo baca baragenda baja inama n’abayoboke ba Herode, barondera ingene bokwica Yesu.


Arababaza ati: “Mbega ni igiki cemewe gukorwa ku musi w’Isabato: Gukora iciza canke gukora ikibi? Gukiza umuntu canke kumwaka ubugingo?” Ntihagira uwumwishura.


Ariko ba barimyi babonye uwo muhungu, baca baravugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’


Abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyanditswe bavyumvise baca batangura kurondera ingene bomwica. Ariko baramutinya kuko abantu bakunda cane inyigisho ziwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite