Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:70 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

70 Yesu aca arababwira ati: “Sinabatoranije muri cumi na babiri? Ariko umwe muri mwebwe ni uwa Satani.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

70 Yesu aramwishura, ati Mbega si jewe nabatoranije uko mur’ icumi na babiri? Arik’ umwe muri mwebge n’umurwanizi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:70
21 Referans Kwoze  

Yuda amaze kurya uwo mukate, Satani aca amwinjiramwo. Yesu aramubwira ati: “Nyarutsa ukore ico wateguye gukora.”


Nuko ku mugoroba w’uwo musi, Yesu asangira n’abigishwa biwe, kandi Satani yari yamaze gushira muri Yuda, mwene Simoni Isikariyote, iciyumviro co kugurisha Yesu.


Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa. Narabarinze kandi nta n’umwe muri bo yazimiye kiretse umwe yategerezwa kuranduka kugira ngo Ivyanditswe bishike.


Ibi sindabivuze kuri mwebwe mwese; kuko ndazi abo natoranije. Ariko ibi bishitsa Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Uwo twasangiye ivyokurya vyanje, ni we yahindukiriye kungwanya.’


Ariko bamwe muri mwebwe ntibizera.” Kuko kuva mu ntago, Yesu yari azi abatizera n’uwuzomugurisha.


Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.


Abagore babo na bo nyene bategerezwa kuba ari abagore bubashwe, batavuga nabi abandi. Bategerezwa kuganza ingeso zabo kandi bakaba abizigirwa muri vyose.


Yuda yari umwe muri twebwe, kandi twari dusangiye igikorwa.”


Iyo muba ab’isi, yobakunze nk’abayo. Ariko ntimukiri ab’isi. Narabatoranije ndabakura muri yo, ni co gituma ibanka.


Si mwebwe mwantoranije, ni jewe nabatoranije. Nabashizeho kugira ngo mugende mwame ivyamwa, kandi ivyamwa bihoraho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw’izina ryanje azokibahe.


Yesu ahejeje kuvuga ayo majambo, agira uruhagarara mu mutima wiwe, maze ashinga intahe avuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe agiye kungurisha.”


Muri abana ba so, Satani, kandi mugomba gushitsa ibikorwa bibi so ashaka. Yamye ari umwicanyi kuva mu ntango. Yamye yanka ukuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, aba ariko avuga ururimi kavukire, kuko ni umubeshi kandi ni se w’ibinyoma.


Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza.


amubwira ati: “Uri umwana wa wa mubi, umwansi w’ivyiza vyose! Uzogeza ryari kubuza abantu kugororokera Umwami?


Yesu n’abigishwa biwe na bo bari batumiwe muri ubwo bukwe.


Yesu ahindukirira bamwe cumi na babiri arababaza ati: “Mbega namwe murashaka kwigira?”


(Aho yariko avuga Yuda, mwene Simoni Isikariyote. Kuko naho yari umwe muri bamwe cumi na babiri, ni we yari agiye kumugurisha.)


Toma (uwo batazira Ihasa), umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, ntiyari kumwe n’abandi bigishwa igihe Yesu yaza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite