Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Filipo aramwishura ati: “Naho tworonka idenariyo amajana abiri, ntitwokuramwo ivyokurya bikwiye n’umutamiro w’umwe umwe.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Filipo aramwishura, at’ Imitsima y’idenariyo amajana abiri ntiyobakwira, nah’ umuntu wese yohabga gatoya.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:7
10 Referans Kwoze  

Yesu arabishura ati: “Nimubagaburire mwebwe nyene.” Na bo baramubwira bati: “Mbega twokura hehe idenariyo amajana abiri zo kugura ivyokurya bikwiye aba bantu?”


“Ni kuki aya mavuta atagurishijwe ngo amahera avuyemwo afashe aboro? Igiciro cayo kingana n’idenariyo amajana atatu.”


Uwo mukozi agisohoka ahura na mugenziwe bakorana amuheraniye idenariyo ijana. Amufata mw’izosi atangura kumunigura ati: ‘Ndiha umwenda umfitiye ningoga!’


Ku musi ukurikira, Yesu afata ingingo yo kuja i Galilaya. Ariko aragenda, ahura na Filipo, amubwira ati: “Nkurikira!”


Filipo yava mu gisagara citwa Betesayida, ari na co Andereya na Petero bavamwo.


Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”


Natanayeli aramubaza ati: “Hari iciza cova i Nazareti?” Filipo aramwishura ati: “Ingo uvyirabire.”


Natanayeli aramubaza ati: “Wamenye gute?” Yesu aramwishura ati: “Igihe wari wicaye musi y’igiti c’umusukoni, imbere yuko Filipo aguhamagara, nakubona.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite