Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:68 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

68 Simoni Petero aramwishura ati: “Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira!

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

68 Simoni Petero aramwishura, ati Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubugingo budashira,

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:68
17 Referans Kwoze  

Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.


Nta wundi agakiza karonkerwamwo, kuko ata rindi zina twahawe musi y’ijuru ryo gukirizwamwo.”


Maze arababwira ati: “Nimugende muhagarare mu rusengero, mubwire abantu ubutumwa bwuzuye bw’ivy’ubu bugingo bushasha.”


Yari mw’ikoraniro mu bugaragwa, ari kumwe na wa mumarayika yavugana na we ku musozi Sinayi hamwe na ba sogokuruza, aca ahabwa n’amajambo mazima, ayo yadusigiye.


Mpwemu w’Imana ni we atanga ubugingo, umuntu nta co yokwishoboza. Amajambo nababwiye arimwo impwemu kandi ni ubugingo.


Simoni Petero aramwishura ati: “Uri Kristo, Umwana w’Imana nzima.”


Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”


kuko nabahaye amajambo wampaye kandi barayakira. Bamenye badakekeranya ko naje mva iwawe kandi bizeye ko ari wewe wantumye.


Arababaza ati: “None mweho muvuga ko ndi nde?” Petero arishura ati: “Uri Kristo.”


Aca arababaza ati: “None mweho muvuga ko ndi nde?” Petero aramwishura ati: “Uri Kristo yaje ava ku Mana.”


Sinavuze ivyo nigeneye. Data yantumye ni we yantegetse kuvuga amajambo yose navuze.


Kandi ndazi ko ivyo ategeka bizana ubugingo budashira. Ivyo mvuga ndabivuga nk’uko Data yabintegetse.”


Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe.


Filipo aramwishura ati: “Niwaba wizeye n’umutima wawe wose, urashobora kubatizwa.” Na we arishura ati: “Ndizeye ko Yesu Kristo ari Umwana w’Imana.”]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite