Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:53 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

53 Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, ni mutarya umubiri w’Umwana w’Umuntu mukanywa n’amaraso yiwe, nta bugingo muzogira muri mwebwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

53 Yesu arababgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni mutarya umubiri w’Umwana w’umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bugingo mwogira muri mwebge.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:53
19 Referans Kwoze  

Umuntu wese afise Umwana afise ubugingo; umuntu wese adafise Umwana w’Imana nta bugingo afise.


Kuko umubiri wanje ni ico kurya c’ukuri n’amaraso yanje ni ico kunywa c’ukuri.


Nimugume muri jewe, nanje ngume muri mwebwe. Nk’uko ishami ridashobora kwama riri ukwaryo, kiretse rigumye ku muzabibu, ni ko namwe mudashobora kwama mutagumye muri jewe.


Ndababwire ukuri, uwizera afise ubugingo budashira.


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri.”


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya kuri manu yahishijwe. Nzomuha kandi ibuye ryera ryanditseko izina rishasha; ntawuzomenya iryo zina kiretse uwuzohabwa iryo buye.


Uwizera Umwana afise ubugingo budashira, ariko uwutamwizera ntazoronka ubugingo budashira, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.”


Hanyuma ababwira ati: “Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru.


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.


Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.”


Haba na mba! Ariko nimutihana namwe muzohona nka bo.


Petero aramubwira ati: “Oya, wewe ntuzokwigera unyoza ibirenge!” Yesu aramwishura ati: “Ni ntakwoza ibirenge, nta co tuzoba duhuriyeko.”


Ndababwire ukuri, igihe cose ijuru n’isi bizoba bikiriho, nta n’akadome na gatoya canke agakwabu ko mu vyagezwe vy’Imana kazovako, kugeza ivyo vyagezwe bishikije intumbero yavyo.


Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya ku vyamwa vyo ku giti c’ubugingo, kiri muri paradizo y’Imana.


Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”


Ni jewe mukate w’ubugingo wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese arya uwo mukate azobaho ibihe bidashira. Uwo mukate ni umubiri wanje nzotanga kugira ngo isi igire ubugingo.”


None hamwe mwobona Umwana w’Umuntu aduga asubira iyo yaje ava, mwovuga iki?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite