Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:45 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

45 Abavugishwa n’Imana banditse bati: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Ni co gituma umuntu wese yumvirije Data akakira inyigisho ziwe, aza aho ndi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

45 Mu majambo y’abavugishwa n’Imana handitswe, ngo Bose bazoba abigishijwe n’Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:45
24 Referans Kwoze  

“Iri ni ryo sezerano nzogirana n’abantu banje inyuma y’aho, ni ko Uhoraho avuze. Nzoshira ivyagezwe vyanje mu mitima yabo, ndavyandike mu bwenge bwabo.”


Naho ku bijanye n’urukundo mu bavukana, ntitwokwirirwa turabibandikirako vyinshi, kuko Imana yo nyene yabiyigishirije ingene mukwiye gukundana.


Yongerako ati: “Ni co gituma nababwiye ko ata muntu ashobora kuza aho ndi atabishobojwe na Data.”


Ariko abo Data yampaye bose, bazoza aho ndi kandi sinzokwigera ndabirukana.


Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Hanyuma ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!”


Nsaba Imana yo nyene icubahiro cose, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, Data w’ubwiza buhebuje, ngo abahe Mpwemu w’ubwenge no guhishurirwa, kugira ngo murushirize kumumenya.


Intama zanje zumva ijwi ryanje; ndazizi na zo zirankurikira.


Hanyuma Yesu aca yihereranya bamwe cumi na babiri, arababwira ati: “Ehe tugira tuduge i Yerusalemu, aho Ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyose ku Mwana w’Umuntu bizomushikirako.


(nk’uko yabisezeranye kera ikoresheje abavugishwa bayo bera),


Bwatanguye nk’uko vyari vyaranditswe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya ngo: “Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe, igutegurire inzira”:


Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.


Maze Imana yirabira hirya, irabareka ngo basenge ibiba ku kirere, baba bashikije ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa, bivuga ngo: ‘Mbega hari ibimazi n’amashikanwa mwanshikaniye mu myaka mirongo ine mwamaze mu bugaragwa, Yemwe Bisirayeli?


Mwiyubare rero kugira ngo ivyo abavugishwa bavuze ntibibashikeko, aho bavuga ngo:


Abakuze mu kwizera twese twiyumvire dutyo. Nihagira ico tutumva co kimwe, Imana izokibatahuza.


Ariko mwebwe, Mpwemu Yera mwahawe na Kristo aguma muri mwebwe, ni co gituma mudakeneye umuntu wo kubigisha. Uwo Mpwemu arabigisha ivyo mukwiye kumenya vyose, kandi ivyo abigisha ni ivy’ukuri; nta binyoma birimwo. Nuko mugume muri Kristo, nk’uko Mpwemu yabigishije.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite