Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:42 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Baravuga bati: “Mbega uwu si Yesu mwene Yosefu? Se na nyina ntitubazi? None ni gute avuga ngo: ‘Namanutse mva mw’ijuru’?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Bat’ Uyu si we Yesu mwene Yosefu? Na se na nyina turabazi: non’ avuga ate ngo Namanutse mva mw ijuru?

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:42
13 Referans Kwoze  

Bose baramushima, batangazwa n’amajambo arimwo ubuntu bw’Imana yava mu kanwa kiwe, babazanya bati: “Mbega uwu si wa muhungu wa Yosefu?”


Mbega uwu si wa mubaji, nyina si Mariya, abo bavukana si Yakobo, Yosefu, Yuda na Simoni? Bashiki biwe si ababanyi bacu?” Maze ivyo birabatsitaza, bituma batamwizera.


Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,


Umuntu wa mbere, ari we Adamu, yavuye mw’ivu, uwo hanyuma, ni we Kristo, yavuye mw’ijuru.


None hamwe mwobona Umwana w’Umuntu aduga asubira iyo yaje ava, mwovuga iki?


Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka.


Ba sekuruza babo ni Abaheburayo ba rurangiranwa; mu buryo bw’umubiri, Yesu Kristo ubwiwe akomoka muri ubwo bwoko kandi uwo ni we Mana iri hejuru ya vyose, akwiye gushimwa ibihe vyose. Amen.


Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”


Nta n’umwe arigera aduga mw’ijuru, kiretse Umwana w’Umuntu yamanutse avayo.


Yesu arabishura ati: “Nimureke kwidoga hagati muri mwebwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite