Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Maze Abayuda batangura kumwidogera kuko avuze ati: “Ni jewe mukate wamanutse uva mw’ijuru.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Bun’ Abayuda baramwidodombera, kuko yavuze, ati Ni jewe mutsima wamanutse uva mw ijuru.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:41
14 Referans Kwoze  

Ni jewe mukate w’ubugingo.


Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo.”


Muri iryo sinzi ry’abantu bari aho, hari urusaku rwinshi bavugana ku vya Yesu. Bamwe bavuga bati: “Ni umuntu mwiza.” Abandi bakavuga bati: “Oya, ni umuntu azimiza abantu.”


Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe baca baragenda ntibasubira kumukurikira.


Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”


Abo bantu ni abanyamwikomo bama bidodombera abandi; bakurikira ivyipfuzo vyabo bibi; barishira hejuru kandi bakoresha amajambo meza babesha abandi mu kurondera inyungu.


Uwu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru; ntusa na ya manu ba sogokuruza banyu baririye mu bugaragwa ariko bagapfa. Uwurya uwu mukate azobaho ibihe bidashira.”


Yesu arabishura ati: “Nimureke kwidoga hagati muri mwebwe.


Ababibonye bose batangura kwidodomba bati: “Agiye kurara mu nzu y’umunyavyaha!”


Maze Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwidodomba bati: “Uwu mugabo yicarana n’abanyavyaha, agasangira na bo!”


Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu bamwidodombera bati: “Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?”


Kandi ntimukidodombe nk’uko bamwe babigize, maze bakicwa n’umumarayika muranduzi.


Iyi ni yo ntahe Yohana yashinze igihe abakuru b’Abayuda b’i Yerusalemu bamutumako abaherezi n’Abalewi ngo bamubaze uwo ari we.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite