Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:38 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

38 Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

38 Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:38
19 Referans Kwoze  

Jewe nta co nshobora gukora nigeneye. Nca urubanza nkurikije ivyo Data ambwiye gusa, kandi urubanza rwanje ruragororotse, kuko ntakora ivyo nigombeye, ahubwo nkora ivyo uwantumye agomba.


Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Uwamanutse ava mw’ijuru aruta bose, uwaje ava kw’isi ni uw’isi kandi avuga nk’uw’isi nyene, ariko uwaje ava mw’ijuru aruta bose.


Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo.”


Nta n’umwe arigera aduga mw’ijuru, kiretse Umwana w’Umuntu yamanutse avayo.


N’aho yari Umwana w’Imana yize kwumvira biciye mu mubabaro yaciyemwo.


Na Kristo ubwiwe ntiyabayeho arondera kwinezereza. Ahubwo, Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ibitutsi abantu bagututse, vyose vyashikiye kuri jewe.”


(Mbega “yaraduze” bivuga iki, ko no kumanuka yamanutse agashika i bwina ho mw’isi?


kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”


Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Umwana nta co ashobora gukora acigeneye, ariko akora ico abonye Se akora gusa. Ico se akora, ni co n’Umwana akora.


Yesu arabishura ati: “Iki ni co gikorwa Imana ishaka ko mukora: nimwizere uwo yatumye.”


Baravuga bati: “Mbega uwu si Yesu mwene Yosefu? Se na nyina ntitubazi? None ni gute avuga ngo: ‘Namanutse mva mw’ijuru’?”


Data yantumye ni muzima kandi ndiho ku bwiwe; ni ko n’uwundya na we azobaho ku bwanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite