Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:33 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Kuko umukate w’Imana ni uwumanuka uvuye mw’ijuru ugaha isi ubugingo.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Kuk’ umutsima w’Imana ar’ ūmanuka uva mw ijuru, ugaha abari mw isi ubugingo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:33
13 Referans Kwoze  

kuko nabahaye amajambo wampaye kandi barayakira. Bamenye badakekeranya ko naje mva iwawe kandi bizeye ko ari wewe wantumye.


Yesu arababwira ati: “Iyo Imana ija kuba ari yo So, mwari kunkunda, kuko naje hano ntumwe na yo. Sinaje nirungitse, ni Imana yantumye.


Naje mva kwa Data nza mw’isi, none ngiye kuva mw’isi nsubire kwa Data.”


Ariko hano hari umukate uva mw’ijuru, kandi uwuwurya ntazopfa.


Ni jewe mukate w’ubugingo.


Kuko sinamanutse mva mw’ijuru nje gukora ivyo nshaka, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye ashaka.


Nta n’umwe arigera aduga mw’ijuru, kiretse Umwana w’Umuntu yamanutse avayo.


Iri jambo ni iryo kwizigirwa, rikwiye kwakirwa n’abantu bose, rivuga ngo: Kristo Yesu yazanywe kw’isi no gukiza abanyavyaha, muri abo ndi agahebuza.


Yesu yari azi ko Se yamuhaye ububasha ku bintu vyose. Yari azi ko yaje ava ku Mana kandi ko yagira asubireyo.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Mose si we yabahaye imikate ivuye mw’ijuru, ariko Data ni we yayibahaye, kandi ni we abaha umukate w’ukuri uvuye mw’ijuru.


Maze Abayuda batangura kumwidogera kuko avuze ati: “Ni jewe mukate wamanutse uva mw’ijuru.”


Uwu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru; ntusa na ya manu ba sogokuruza banyu baririye mu bugaragwa ariko bagapfa. Uwurya uwu mukate azobaho ibihe bidashira.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite