Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Baramubwira bati: “Mbega nta gitangaza wokora kugira ngo tukibone hanyuma twizere? Ni ikihe wokora?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Nuko baramubaza, bati Non’ ukora ikimenyetso ki, ngo tukirābe tukwizere? Ukora ikimeze gite?

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:30
22 Referans Kwoze  

Naho Yesu yakoreye ibitangaza vyinshi imbere y’abantu, benshi ntibamwizeye.


Abayuda bashaka kubona ibimenyetso, Abagiriki na bo bakarondera kubitahurisha ubwenge bwabo.


Ariko nimba nkora ibikorwa vya Data, naho mutonyizera jewe, nimwizere ibikorwa nkora, kugira ngo mumenye kandi mutahure ko Data ari muri jewe nanje nkaba muri we.”


Ariko nk’uko nabibabwiye, muramaze kumbona yamara ntimurizera.


Abayuda baramubaza bati: “Ni ikihe gitangaza wokora cotwereka ububasha ufise bwo gukora ibi?”


Imana na yo yashigikiye intahe yabo ibicishije mu bimenyetso n’ibitangaza bitandukanye yakoze, hamwe n’ingabire za Mpwemu Yera yatanze uko ibishatse.


Gorora ukuboko kwawe maze ukize, ukore ibitangaza n’utwumiza mw’izina ry’umusavyi wawe yera Yesu.”


Kristo, Umwami w’Abisirayeli niyikure ku musaraba kugira ngo tubibone hanyuma tumwizere.” Na vya bisuma vyari bibambanywe na we na vyo biramutuka.


Abafarisayo bumvise ko Yesu yashitse, baraza batangura kumuhaririza. Mu ntumbero yo kumutega umutego, bamusaba ngo akore ikimenyetso kivuye mw’ijuru cerekana ko yatumwe n’Imana.


(Ico gihe, abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kurondera ivyokurya.)


Abantu isinzi baramukurikira kuko bari babonye ibitangaza yari yakoze mu gukiza abarwaye.


Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite