Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, ntimuriko mundondera kubera mwatahuye ibitangaza mwabonye nkora, ahubwo mundondera kuko nabagaburiye imikate mugahaga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Yesu arabishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ntimundondera kuko mwabonye ibimenyetso, ariko n’uko mwariye kuri ya mitsima, mugahāga.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:26
20 Referans Kwoze  

Iherezo ryabo ni ukurandurwa. Imana yabo ni inda yabo, kandi ivyobateye isoni ni vyo bihimbaro vyabo. Nta kindi biyumvira atari ivy’iyi si gusa.


Abandi bose bitayeho ivyabo, nta witayeho ivya Yesu Kristo.


n’uguharira ata ho gushikana hagati y’ab’ubwenge bwapfuye, banyazwe ukuri, kandi bigira abagororotsi kugira ngo bashike ku nyungu zabo mbi.


Kuko abakora ivyo, ntibariko bakorera Umwami wacu Kristo, ahubwo bakorera inyungu zabo gusa. Amajambo yabo yo kuryosharyosha hamwe n’imvugo nziza, ni vyo bahendesha abantu b’imitima yoroshe.


Abantu isinzi baramukurikira kuko bari babonye ibitangaza yari yakoze mu gukiza abarwaye.


Abantu bamaze kubona ko Yesu n’abigishwa biwe atari ho bari, baca binjira muri ubwo bwato baja i Kaperinawumu kumuronderayo.


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kwinjira mu Bwami bw’Imana atavyawe n’amazi na Mpwemu.


Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri.”


Ariko bamwe muri mwebwe ntibizera.” Kuko kuva mu ntago, Yesu yari azi abatizera n’uwuzomugurisha.


Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, ni mutarya umubiri w’Umwana w’Umuntu mukanywa n’amaraso yiwe, nta bugingo muzogira muri mwebwe.


Ndababwire ukuri, uwizera afise ubugingo budashira.


Baramubwira bati: “Mbega nta gitangaza wokora kugira ngo tukibone hanyuma twizere? Ni ikihe wokora?


Yesu amenye ko bagira baze ngo bamwimike ku nguvu nk’umwami, aca asubira ku musozi ari wenyene.


Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi.”


Ariko nk’uko nabibabwiye, muramaze kumbona yamara ntimurizera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite