Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Abantu bamaze kubona ko Yesu n’abigishwa biwe atari ho bari, baca binjira muri ubwo bwato baja i Kaperinawumu kumuronderayo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Nukw iryo shengero ribonye ko Yesu atari ho ari, n’abigishwa biwe na bo ar’ uko, rija mur’ ano mato na ryo, rijabuka i Kaperinawumu rirondera Yesu.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:24
11 Referans Kwoze  

Kubera bwari bwije kandi Yesu atari bwagaruke aho bari bari, burira ubwato kugira ngo bajabuke ikiyaga baje i Kaperinawumu.


Bamubonye baramubwira bati: “Abantu bose bariko barakurondera.”


Yesu aramubaza ati: “Mupfasoni, ni kuki uriko urarira? Urondera nde?” Mariya yiyumviriye ko ari umurimyi wo muri iryo tongo, aramubwira ati: “Mushingantahe, nimba ari wewe wamutwaye, mbwira aho wamushize nje kumutora.”


Kuri uwo musi mukuru, abakuru b’Abayuda bariko bararondera Yesu, babaza bati: “Ari he?”


Yesu yavuze ivyo ariko arigishiriza mw’isinagogi i Kaperinawumu.


N’ubundi bwato bwinshi buvuye i Tiberiya, buraza bushika hamwe Umwami Yesu yahezagirira imikate abantu bakayifungura.


Yesu asubiye inyuma asanganirwa n’abantu isinzi bari bamurindiriye.


Bamaze kujabuka, bashika hakurya ahitwa Genezareti, babohera ubwato i musozi.


Bamaze kujabuka, bashika hakurya ahitwa Genezareti.


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, ntimuriko mundondera kubera mwatahuye ibitangaza mwabonye nkora, ahubwo mundondera kuko nabagaburiye imikate mugahaga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite