Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Abantu isinzi baramukurikira kuko bari babonye ibitangaza yari yakoze mu gukiza abarwaye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Ishengero ryinshi riramukurikira kuko ribonye ibimenyetso akora ku barwaye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:2
19 Referans Kwoze  

Yesu abimenye aca ava ngaho, maze abantu benshi baramukurikira hanyuma akiza abarwaye bose bari muri bo,


Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.


Ariko benshi bababona bakiva aho hantu, barabamenya, baca bava mu bisagara vyinshi bariruka n’amaguru, babatangayo.


Yesu amaze kuva mu bwato abona abantu isinzi, bamutera ikigongwe, aca abakiriza abarwaye.


Nuko Yesu ava kuri uwo musozi, amanukana n’abantu isinzi bamukurikiye.


Ubwo nyene abantu benshi baca baza aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo; abantu na bo bahagarara ku musenyi.


Aho guhora, wa muntu aca aragenda atangura kuvuga no gukwiragiza iyo nkuru. Ivyo vyatumye Yesu adasubira kuja mu gisagara ku mugaragaro ahubwo aca aguma hanze kure yaco ahantu hihishije. Ariko na ho nyene abantu barahamusanga bavuye mu mihingo myinshi.


Yesu ari i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, abantu benshi baramwizeye babonye ibitangaza akora.


Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”


Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi.”


Ku musi ukurikira, ba bantu isinzi bari basigaye hakurya y’ikiyaga bibuka ko hari ubwato bumwe gusa, kandi ko Yesu atinjiranye n’abigishwa biwe muri bwo, ahubwo ko bijanye bonyene.


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, ntimuriko mundondera kubera mwatahuye ibitangaza mwabonye nkora, ahubwo mundondera kuko nabagaburiye imikate mugahaga.


Baramubwira bati: “Mbega nta gitangaza wokora kugira ngo tukibone hanyuma twizere? Ni ikihe wokora?


Nuko abakuru b’abaherezi n’Abafarisayo baca bakoranya inama nkuru y’abatwara ubwoko bw’Abayuda. Barabazanya bati: “Dukore iki? Uwu mugabo ariko akora ibitangaza vyinshi.


Ni co gituma abantu benshi barondera iyo ari. Bari bumvise ko yakoze ico gitangaza.


Naho Yesu yakoreye ibitangaza vyinshi imbere y’abantu, benshi ntibamwizeye.


Hari n’ibindi bitangaza vyinshi Yesu yakoreye mu maso y’abigishwa biwe bitanditswe muri iki gitabu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite