Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Abantu babonye igitangaza Yesu akoze baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu ni wa muvugishwa twari twiteze kw’isi.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga, bati N’ukuri uyu ni wa muntu avugishwa n’Imana yar’ akwiye kuza mw isi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:14
18 Referans Kwoze  

Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”


Uwo ni Mose nyene yabwiye Abisirayeli ati: ‘Imana izobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje muri mwebwe.’


“Mbega woba uri umwe yategerezwa kuza, canke twitege uwundi?”


Bumvise ayo majambo, bamwe mu bantu bari aho baravuga bati: “Ni ivy’ukuri uwu muntu ni uwuvugishwa n’Imana!”


Na bo baramubaza bati: “None uri nde? Woba uri Eliya?” Na we ati: “Sindi we.” Na bo bati: “Woba uri wa muvugishwa n’Imana?” Arabishura ati: “Oya.”


Wa mugore aramwishura ati: “Nyakwubahwa, ndabona ko uri uwuvugishwa n’Imana.


Babwira wa mugore bati: “Ubu ntitucizeye kubera ivyo watubwiye gusa; kuko twamwiyumviye, kandi twamenye neza ko ari we Mukiza w’isi.”


Wa mugore aravuga ati: “Ndazi ko Mesiya (yitwa Kristo) azoza. Niyaza, azodusobanurira vyose.”


Na we arababaza ati: “Ni ibiki vyabaye?” Baramwishura bati: “Ni ivya Yesu w’i Nazareti. Yari umuvugishwa n’Imana, yuzuye ubushobozi mu vyo yavuga no mu vyo yakora, imbere y’Imana n’imbere y’abantu.


Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.”


Iki ni co gitangaza ca mbere Yesu yakoze, akaba yagikoreye i Kana mu ntara ya Galilaya. Uko ni ko Yesu yerekanye icubahiro ciwe, maze abigishwa biwe baramwizera.


Abantu isinzi baramukurikira kuko bari babonye ibitangaza yari yakoze mu gukiza abarwaye.


Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, ntimuriko mundondera kubera mwatahuye ibitangaza mwabonye nkora, ahubwo mundondera kuko nabagaburiye imikate mugahaga.


Baramubwira bati: “Mbega nta gitangaza wokora kugira ngo tukibone hanyuma twizere? Ni ikihe wokora?


Marita aramwishura ati: “Egome Mwami, ndizera ko uri Kristo, Umwana w’Imana, umwe ategerezwa kuza mw’isi.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite