Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 6:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Hanyuma y’ivyo, Yesu arajabuka aja ku ruhande rwo hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya (ari co kiyaga c’i Tiberiya).

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo Yesu avayo, yīgira hakurya y’ikiyaga c’i Galilaya citwa Tiberiya.

Gade chapit la Kopi




Yohana 6:1
12 Referans Kwoze  

N’ubundi bwato bwinshi buvuye i Tiberiya, buraza bushika hamwe Umwami Yesu yahezagirira imikate abantu bakayifungura.


Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana.


Yesu ariko aragendagenda ku nkengera y’ikiyaga Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni batazira Petero na Andereya mwene nyina, bariko baterera urusenga mu mazi kuko bari abarovyi.


Inyuma y’ivyo, Yesu yiyereka abigishwa biwe ku kiyaga c’i Tiberiya. Ng’uku uko vyagenze:


Nuko Yesu ava ngaho, agendagenda ku nkengera y’ikiyaga Galilaya. Hanyuma aduga umusozi, yicaraho.


Inyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu ntara ya Galilaya. Ntiyashaka kugenda mu ntara ya Yudaya kuko abakuru b’Abayuda baho bariko barondera ingene bomwica.


Baramubaza bati: “None vyagenze gute ngo amaso yawe ahumuke?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite