Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:39 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Mwebge murasesa mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kand’ ari vyo binshingira intahe,

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:39
51 Referans Kwoze  

Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Abantu b’i Beroya bari bugurutse kurusha ab’i Tesalonike, kuko bakiriye Ubutumwa Bwiza n’ishaka ryinshi, bakama basesangura Ivyanditswe ku musi ku musi, kugira ngo barabe ko ivyo Pawulo abigisha ari ivy’ukuri.


Yesu arabishura ati: “Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe vyera bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana.


Ababa i Yerusalemu n’abatware babo ntibamenye Yesu, ariko baramutsindishije, baba bashikije amajambo y’abavugishwa n’Imana yama asomwa ku musi w’Isabato.


Iyo mwizera Mose, nanje mwonyizeye, kuko yanditse avuga kuri jewe.


Mu vy’ukuri bifise ikimazi muri vyinshi. Ubwa mbere, Abayuda ni bo Imana yahaye amajambo yayo.


Mbega ntimurasoma aya majambo yo mu Vyanditswe avuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bagaye, ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.


Numvise ivyo nca nikubita hasi nubamye ngo ndamusenge. Ariko aca ambwira ati: “Ntugakore ivyo! Nanje ndi umukozi w’Imana co kimwe na we na bene So bashingira intahe ukwizera bafise muri Kristo. Usenge Imana yonyene. Kuko ugushingira intahe Yesu ni impwemu y’ubuvugishwa.”


ubwo yari yarasezeranye kuva kera ibicishije ku bavugishwa na yo, nk’uko biri mu Vyanditswe Vyera.


Mwami Agiripa, mbega ntiwizera ivyo abavugishwa bavuze? Ndazi ko uvyizera.”


Na bo baramwishura bati: “Mbega nawe uva i Galilaya? Urasoma neza Ivyanditswe uzobona ko ata wuvugishwa n’Imana ava i Galilaya!” [


Hari uwundi anshingira intahe, kandi ndazi ko intahe anshingira ari iy’ukuri.


Intahe mfise iraruta iya Yohana. Kuko ibikorwa Data yampaye gushitsa ari na vyo ndiko ndakora, bishinga intahe ko ari Data yantumye.


Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Batumviye Mose n’abavugishwa n’Imana, nta wundi bokwumvira, n’aho yoba azutse mu bapfuye.’ ”


Ariko bariko barondera igihugu kiruta ibindi, igihugu ico mw’ijuru. Ni co gituma Imana idaterwa n’isoni kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.


Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano y’impwemu mushima Imana mu mitima yanyu.


Aburahamu aramwishura ati: ‘Bafise ivyagezwe vya Mose n’ivyanditswe n’abavugishwa; nibabikurikize.’


Nuko Filipo asanga Natanayeli aho ari, amubwira ati: “Twabonye umwe Mose yavugako mu vyagezwe, n’abavugishwa n’Imana bakamwandikako. Ni Yesu w’i Nazareti, mwene Yosefu.”


Abagore bazuriwe ababo bakuwe mu rupfu. Ariko hari n’abishwe bahohotewe kuko banse kwihakana Imana ngo barekurwe. Bashaka kuzukira ubuzima burusha ubu kuba bwiza.


Yesu aca ababwira ati: “Yemwe bantu b’ubwenge buke mwe! Birabagora kwizera mu mitima yanyu ivyo abavugishwa n’Imana bavuze.


yamara ntimushaka kuza aho ndi ngo muronke ubwo bugingo.


Arabishura ati: “Mbega ivyagezwe vya Mose bitegeka iki?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite