Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:37 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 Kandi na Data yantumye ubwiwe aranshingira intahe. Ntimurigera mwumva ijwi ryiwe canke ngo mumubone amaso mu yandi,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Kandi Data yantumye ni we anshingira intahe. Nta ho murumva ijwi ryiwe, kandi ntimurabona ishusho yiwe,

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:37
20 Referans Kwoze  

Jewe ndishingira intahe, kandi na Data yantumye arayinshingira.”


Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.


Icubahiro n’ubwiza bibe ivy’Umwami ahoraho, adapfa, ata boneka, we Mana imwe yonyene, ibihe bidashira. Amen.


Niyo yonyene ifise ukudapfa, kandi iba mu muco ata muntu yoshobora kwegera, iyo ata muntu arabona kandi ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe bidashira. Amen.


Hanyuma ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda, akampimbara.”


Umuntu wese avuga ko akunda Imana ariko akanka mwene Data wundi, uwo ni umubeshi. Kuko umuntu adakunda mwene Data abona, ntashobora gukunda Imana atabona.


Nta muntu n’umwe arabona Imana; ariko iyo dukundana, Imana iba muri twebwe kandi urukundo rwayo rwiyerekanira muri twebwe mu buryo busagutse.


Yesu aramwishura ati: “Filipo, inyuma y’iki gihe cose tumaranye, uracavuga ko utanzi? Uwumbonye wese aba abonye Data! None ni kuki uvuze uti: ‘Twereke Data’?


Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”


Akiriko aravuga, haza igicu cera derere kirabatwikira. Hanyuma ijwi ryumvikanira muri ico gicu, rivuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara. Nimumwumvirize!”


Iyo ntakorera hagati muri bo ibitangaza ata muntu n’umwe yigeze akora, ntibokwagirijwe icaha. Ariko barabonye ivyo nakoze vyose, yamara baranyanse, banka na Data.


Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri Umwana wanje nkunda, ukampimbara.”


Mpwemu Yera amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma. Maze ijwi ryumvikana rivuye mw’ijuru riti: “Uri umwana wanje nkunda kandi urampimbara.”


Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.


Hari uwundi anshingira intahe, kandi ndazi ko intahe anshingira ari iy’ukuri.


Nimba twemera intahe ishinzwe n’abantu, intahe ishinzwe n’Imana yo irakomeye kurusha, kandi iyo ntahe yayishingiye Umwana wayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite