Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:36 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

36 Intahe mfise iraruta iya Yohana. Kuko ibikorwa Data yampaye gushitsa ari na vyo ndiko ndakora, bishinga intahe ko ari Data yantumye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:36
17 Referans Kwoze  

Yesu arabishura ati: “Narabibabwiye ariko ntimwanyizera. Ikibishingira intahe ni ibikorwa nkora mw’izina rya Data,


Iyo ntakorera hagati muri bo ibitangaza ata muntu n’umwe yigeze akora, ntibokwagirijwe icaha. Ariko barabonye ivyo nakoze vyose, yamara baranyanse, banka na Data.


Yesu ari i Yerusalemu ku Musi mukuru wa Pasika, abantu benshi baramwizeye babonye ibitangaza akora.


Nimba twemera intahe ishinzwe n’abantu, intahe ishinzwe n’Imana yo irakomeye kurusha, kandi iyo ntahe yayishingiye Umwana wayo.


Umusi umwe aza kuraba Yesu mw’ijoro aramubwira ati: “Rabi, turazi ko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko nta muntu yoshobora gukora ibitangaza ukora, Imana itari kumwe na we.”


Erega Imana ntiyatumye Umwana wayo kw’isi gucira urubanza abari kw’isi, ahubwo yamutumye kugira ngo ibakize biciye muri we.


Yesu arabishura ati: “Subira inyuma, mugende mubwire Yohana ivyo mwumvise n’ivyo mubonye:


Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.


Hari uwundi anshingira intahe, kandi ndazi ko intahe anshingira ari iy’ukuri.


Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Naguhesheje icubahiro hano kw’isi mu kurangiza igikorwa wampaye.


Ariko bamwe baravuga bati: “None ko yakijije ya mpumyi, ntiyari gushobora gukingira Lazaro urupfu?”


Yesu aramubaza ati: “Mbega mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba mu nzu kwa Data?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite