Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Muri ayo mabaraza, hari haryamye abarwayi benshi, harimwo impumyi, abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bari barindiriye ko amazi azikuruka.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Muri yo hari haryamye abantu benshi barwaye, n’impumyi, n’abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bāri barorereye kw amazi azīkuruka.

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:3
12 Referans Kwoze  

Maze abarira ba bigishwa ati: “Genda mubarire Yohana ivyo mwabonye n’ivyo mwumvise: impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa Ubutumwa Bwiza.


Maze abantu isinzi baza aho ari, bazanye abacumbagira, impumyi, ibimuga, ibiragi n’abandi barwayi benshi. Babashira imbere yiwe, na we arabakiza.


Nuko rero bene Data, mwihangane gushika aho Umwami wacu azozira. Raba ingene umurimyi arindira ko umurima wiwe wera ivyimburwa kandi arorera yihanganye imvura y’agatasi n’iy’impeshi.


Ariko ko twiteze ivyo tutarabona, dutegerezwa kubirindira twihanganye.


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Aho i Yerusalemu, hafi y’irembo ry’intama, hari ikidengeri citwa Betesida mu rurimi rw’Igiheburayo, cari gikikujwe n’amabaraza atanu.


Kuko rimwe na rimwe umumarayika w’Umwami Imana yaramanuka akazikurura amazi. Maze uwa mbere aterewe mu kidengeri amazi azikurutse, yaca akira ingwara iyo ari yo yose yaba arwaye.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite