Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ndababwire ukuri, igihe kiraje kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana kandi abazoryumva bazogira ubugingo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Igihe kiza, kandi kirashitse, ah’ abapfuye bazokwumvira ijwi ry’Umwana w’Imana, kand’ abazoryumva bazoba bazima.

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:25
19 Referans Kwoze  

Ibi ntibibatangaze, kuko igihe kiraje aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe,


Ni co gituma bivugwa ngo: “Ikangure, wewe usinziriye, vyuka uve mu bapfuye, maze Kristo arakumurikira.”


yatugiranye bazima na Kristo igihe twari tugipfuye twishwe n’ivyaha vyacu. Ubuntu bw’Imana ni bwo bwabakijije.


Ariko igihe kiraje kandi kirashitse aho abasenga b’ukuri bazosenga Data mu Mpwemu no mu kuri. Abo ni bo basenzi Data arondera.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi uti: Uwufise mu biganza impwemu indwi z’Imana n’inyenyeri indwi aravuga ati: Ndazi ibikorwa vyawe. Abantu benshi bazi ko uri muzima kandi warapfuye.


Uwuva ku Mana wese yakira amajambo y’Imana. Mwebwe ntimuyakira kuko mutari ab’Imana.”


Igihe mwari mugipfuye mwishwe n’ivyaha vyanyu hamwe no kudakebwa kwa kamere kanyu k’icaha, Imana yabahinduye bazima muri Kristo. Yaduhariye ivyaha vyacu vyose,


Kera mwari mwarapfuye, mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu,


Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.


Ni kuki mudatahura inyigisho zanje? Ni kubera mudashobora no kwumviriza amajambo yanje.


Kuko nk’uko Data azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo uwo ashatse kubuha.


kuko umwana wanje yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ Nuko baca batangura kugira umusi mukuru.


Yesu aramubwira ati: “Reka abapfuye bahambe abapfuye babo, ariko wewe genda uvuge ivy’Ubwami bw’Imana.”


Yesu aramwishura ati: “Mupfasoni, nunyizere: igihe kiraje aho mutazorinda kuja gusengera Data kuri uwu musozi canke i Yerusalemu.


Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ ”


Yesu ahejeje kuvuga ayo amajambo, arangamiza mw’ijuru asenga ati: “Data, igihe kirashitse. Nuheshe Umwana wawe icubahiro, kugira ngo na we aguheshe icubahiro.


Buca ari Umusi mukuru wa Pasika, Yesu yari azi ko igihe ciwe co kuva mw’isi ngo asubire kwa Se cashitse. Yari yarakunze abiwe bari mw’isi, kandi yarabakunze gushika ku mwanya wa nyuma.


Benshi bo mu bigishwa biwe bavyumvise baravuga bati: “Izi nyigisho ziragumye. Ni nde yozemera?”


Arabishura ati: “Ivyo namaze kubibabwira ariko ntimwashatse kuvyumva. Ni kuki mushaka kuvyumva kandi? Mwoba mushaka kuba abigishwa biwe namwe?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite