Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Ndababwire ukuri, umuntu wese yumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, afise ubugingo budashira. Kandi uwo ntazotsindwa n’urubanza, ahubwo aramaze kuva mu rupfu aja mu bugingo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rukinja, arikw aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo.

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:24
28 Referans Kwoze  

Uwizera Umwana afise ubugingo budashira, ariko uwutamwizera ntazoronka ubugingo budashira, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.”


Uwizeye Umwana w’Imana ntashobora gutsindwa n’urubanza. Ariko uwutamwizera wese aramaze gutsindwa n’urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.


Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”


Ubu rero, abari muri Kristo Yesu nta rubanza rukibatsinda.


Ndababwire ukuri, uwizera afise ubugingo budashira.


Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaranduke, ariko aronke ubugingo budashira.


Umuntu wese aba muri jewe kandi akanyizera ntazokwigera apfa. Ivyo uravyizera ga Marita?”


Ariko ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe.


Ndababwire ukuri, umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa.”


Kuko Imana itadushiriyeho kuzorakirwa na yo, ariko yadushiriyeho kuronka agakiza mu Mwami wacu Yesu Kristo.


Umuntu wese yizera ko Yesu ari Kristo, uwo yavyawe n’Imana, kandi umuntu wese akunda uwo umuvyeyi, akunda n’abana biwe na bo.


Uwizera wese akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azocirwa urubanza.


Icerekana ko twavuye mu rupfu tukaja mu bugingo, ni uko dukunda bene Data. Umuntu wese adakundana aracari mu rupfu.


Nuko Yesu arasemerera ati: “Uwunyizera ntaba yizeye jewe gusa, ariko aba yizeye n’uwantumye.


Biciye muri Kristo, mwahawe kwizera Imana. Kandi ukwizera kwanyu n’ivyizigiro vyanyu mwabishize mu Mana kuko yamuzuye imukuye mu bapfuye, ikamuha ubwiza.


Kandi biciye muri ukwo kwizera, murakingiwe n’ubushobozi bw’Imana, kugeza mushikiriye ako gakiza kateguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira.”


N’ubu, uwimbura ariko arahabwa impembo yiwe kandi ariko aregeraniriza ivyimburwa mu bugingo budashira, kugira ngo uwubiba n’uwimbura bazonezeranwe.


Ariko hano hari umukate uva mw’ijuru, kandi uwuwurya ntazopfa.


Ni jewe mukate w’ubugingo wamanutse uva mw’ijuru. Umuntu wese arya uwo mukate azobaho ibihe bidashira. Uwo mukate ni umubiri wanje nzotanga kugira ngo isi igire ubugingo.”


Uwu ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru; ntusa na ya manu ba sogokuruza banyu baririye mu bugaragwa ariko bagapfa. Uwurya uwu mukate azobaho ibihe bidashira.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite