Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Vyongeye, Data nta muntu acira urubanza. Ahubwo yahaye Umwana ububasha bwose bwo guca imanza,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Kuko Se ata n’umwe acira urubanza, arikw imanza zose yazishikirije Umwana,

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:22
23 Referans Kwoze  

Kandi yamuhaye ububasha bwo guca imanza kuko ari Umwana w’Umuntu.


kuko yashinze umusi izocira imanza isi mu bugororotsi, ikoresheje uwo yagenye. Iyo Imana yabigaragaje kuri bose mu kumuzura mu bapfuye.”


Kuko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza ya Kristo, kugira ngo umwe wese ahabwe impera y’ivyo yakoze akiri muri uwu mubiri, biba vyiza canke bibi.


Maze Yesu arabegera, ababwira ati: “Nahawe ububasha bwose mw’ijuru no mw’isi.


Kandi yadutuma kwigisha abantu no gushinga intahe ko ari we Imana yashiriyeho kuba umucamanza w’abazima n’abapfuye.


Yesu aca aravuga ati: “Naje muri iyi si guca urubanza, kugira ngo impumyi zihumuke, maze abibaza ko babona na bo ndabereke ko ari impumyi.”


Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana n’imbere ya Kristo Yesu, azocira urubanza abazima n’abapfuye aho azozira kwima ku ngoma yiwe:


Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.


Wamuhaye ububasha ku bantu bose kugira ngo ahe ubugingo budashira abo wamuhaye bose.


Ariko mwibuke ko bazorenguka imbere y’intebe y’imanza y’Imana kugira ngo babazwe ivyo bakoze vyose, igihe izocira urubanza abantu bose, abazoba bakiriho n’abazoba barapfuye.


Kuko Umwana w’Umuntu agiye kugaruka ari mu bwiza bwa Se, ari kumwe n’abamarayika biwe, hanyuma ahe impembo umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.


Se arakunda Umwana kandi yamuhaye kuganza vyose.


Data yaranyizigiye anzeza vyose. Nta n’umwe azi Umwana atari Data, kandi nta n’umwe azi Data atari Umwana, n’uwo Umwana ahisemwo kumuhishurira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite