Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 5:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Aho i Yerusalemu, hafi y’irembo ry’intama, hari ikidengeri citwa Betesida mu rurimi rw’Igiheburayo, cari gikikujwe n’amabaraza atanu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Kand’ i Yerusalemu hafi y’irembo ry’intama, hār’ ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betesida, carikw amabaraza atanu.

Gade chapit la Kopi




Yohana 5:2
14 Referans Kwoze  

Wa mukuru w’abasoda yemerera Pawulo, na we ahagarara ku ngazi, arabamama ngo batekane. Habaye agacerere, aca avugana na bo mu rurimi rwabo rw’Igiheburayo.


Yesu aca aramuhamagara ati: “Mariya.” Na we arahindukira aramuraba, aca arasemerera mu rurimi rw’Igiheburayo ati: “Rabuni!” (bisigura “Mwigisha”).


Yesu asohoka yikoreye umusaraba wiwe, ajanwa ahantu hitwa Nyagihanga (mu Giheburayo hitwa Gologota).


Pilato yumvise ayo majambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, ahantu hitwa Umusezero w’Amabuye (mu rurimi rw’Igiheburayo hitwa Gabata).


Abayuda benshi barasomye ico candiko, kuko aho Yesu yari abambwe hari hegereye igisagara, kandi ico candiko cari canditswe mu Giheburayo, mu Kilatini no mu Kigiriki.


Muri ayo mabaraza, hari haryamye abarwayi benshi, harimwo impumyi, abacumbagira, n’abanyunyutse. [Bari barindiriye ko amazi azikuruka.


Yesu arababwira ati: “Nakoze igitangaza kimwe ku musi w’Isabato mwese muratangara.


Umwami wazo yari umumarayika w’i kuzimu, izina ryiwe mu Giheburayo ni Abadoni, mu Kigiriki ni Apoluwoni, bisigura Umuranduzi.


Maze zica zikoraniriza ba bami mu kibanza citwa Haramagedoni mu rurimi rw’Igiheburayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite