Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Wa Musamariyakazi aramubwira ati: “Wewe uri Umuyuda nanje ndi Umusamariyakazi. Bigenda gute ngo unsabe amazi yo kunywa?” (Mu bisanzwe, Abayuda n’Abasamariya baranenana.)

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Uno Musamariyakazi aramubaza, ati Wewe ur’ Umuyuda, non’ unsaba amazi ute, jewe nd’ Umusamariyakazi? (Ni kukw Abayuda n’Abasamariya bānēnana.)

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:9
12 Referans Kwoze  

Aca arababwira ati: “Murazi neza ko bitemewe ko Umuyuda yifatanya n’umunyamahanga canke ngo amugendere. Ariko Imana yanyeretse ko ntakwiye gufata umuntu n’umwe nk’uwuhumanye.


Abayuda baramwishura bati: “Ntitwihenze aho twavuga ko uri Umusamariya kandi ko uboshwe n’umudayimoni!”


Abo cumi na babiri Yesu arabarungika, ababwiye ati: “Ntimuje mu Banyamahanga canke ngo mwinjire mu bisagara vy’i Samariya.


Ariko muzohabwa ubushobozi Mpwemu Yera niyabazako; maze muzonshingira intahe i Yerusalemu, i Yudaya n’i Samariya hose, no gushika ku mpera z’isi.”


Muri ako kanya, abigishwa biwe baragaruka, maze batangazwa cane no kubona Yesu ariko aravugana n’umugore. Ariko ntihagira uwubahuka kumubaza ati: “Ushaka iki?” canke ati: “Ni kuki uvugana n’uwo mugore?”


Ariko mu nyuma haza Umusamariya, ashika aho wa muntu arambaraye. Amubonye, amutera ikigongwe.


Tumako Simoni bita Petero, ari i Yopa. Asembereye mu nzu kwa Simoni akora ibijanye no gutunganya insato, aba ku nkengera y’ikiyaga.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite