Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:46 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Yongera kuja i Kana mu ntara ya Galilaya, hamwe yahindura amazi umuvinyu. Aho hari umutware yakora i bwami yari afise umuhungu arwariye i Kaperinawumu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Maz’ asubira kuja i Kana i Galilaya, hamwe yahindurira amazi agacika vino. Hār’ umutware atwarira umwami, umwana wiwe w’umuhungu yar’ arwariye i Kaperinawumu;

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:46
14 Referans Kwoze  

kuko umukobwa wiwe yariko aracikana. Yari amufise wenyene kandi yari afise imyaka nka cumi n’ibiri. Yesu ari mu nzira agenda, yari akikijwe n’abantu isinzi bamugunda.


Aho hari umusoda mukuru w’Umuroma yari afise umukozi yakunda cane. Uwo mukozi yari arwaye, ari hafi yo gupfa.


Umunyakananikazi wo muri iyo ntara, aza aho ari atakamba ati: “Mwami, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi! Umukobwa wanje aboshwe n’umudayimoni kandi aramubabaje cane!”


Akiriko aravuga ivyo, haza umukuru w’isinagogi apfukama imbere yiwe amubwira ati: “Umwana wanje w’umukobwa ahejeje gupfa, ariko woza ukamurambikako ibiganza, yosubira akaba muzima.”


Simoni Petero, Toma (uwo batazira Ihasa), Natanayeli w’i Kana i Galilaya, abahungu ba Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri bari kumwe.


Yabanje kuja i Nazareti, hanyuma avayo aja kuba i Kaperinawumu, igisagara cari hafi y’ikiyaga mu ntara ya Zabuloni na Nafutali,


Yesu arababwira ati: “Ndazi ko mutazobura kuncira uwu mugani muti: ‘Muvuzi, niwivure!’ Kandi muzombwira muti: ‘Korera muri iki gisagara uvukamwo ibitangaza nk’ivyo twumvise wakoreye i Kaperinawumu!’ ”


Hanyuma y’ivyo, Yesu aja i Kaperinawumu ari kumwe na nyina, na bene nyina n’abigishwa biwe, bahamara imisi mike.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite