Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 4:42 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Babwira wa mugore bati: “Ubu ntitucizeye kubera ivyo watubwiye gusa; kuko twamwiyumviye, kandi twamenye neza ko ari we Mukiza w’isi.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 maze babgira uwo mugore, bat’ Ubu ho ntitwizeye kubg’ amajambo yawe gusa, kuko natwe twīyumviye kandi tumenye k’uyu ar’ Umukiza w’isi vy’ukuri.

Gade chapit la Kopi




Yohana 4:42
23 Referans Kwoze  

Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.


Turazi kandi ko Umwana w’Imana yaje akaduha ugutahura, kugira ngo tumenye Imana nyakuri. Ubu turi mu Mana nyakuri kuko turi mu Mwana wayo, Yesu Kristo. Ni we Mana nyakuri kandi ni we bugingo budashira.


Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.


Igituma dukora tukaruha, ni uko twizera Imana nzima, yo Mukiza w’abantu bose, na canecane w’abizera.


Kuko Imana yiyujuje n’isi muri Kristo itabaharuyeko ivyaha vyabo. Natwe yaduhaye ico gikorwa gihambaye co kuvuga ubutumwa bw’umwuzuzo.


Nta wundi agakiza karonkerwamwo, kuko ata rindi zina twahawe musi y’ijuru ryo gukirizwamwo.”


kuko nabahaye amajambo wampaye kandi barayakira. Bamenye badakekeranya ko naje mva iwawe kandi bizeye ko ari wewe wantumye.


“Nimuze murabe umuntu yambwiye ivyo nakoze vyose. Ashobora kuba ari we Kristo.”


Ni umuco uzohishurira Abanyamahanga Imana, ni icubahiro ku bwoko bwawe bwa Isirayeli.”


Yesu ashitse i Betaniya, asanga Lazaro amaze imisi ine ari mu mva.


Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”


Kandi kubera amajambo yiwe, n’abandi benshi barizera.


Imana yaramushize hejuru imwicarika i buryo bwayo nk’Umutware n’Umukiza, kugira ngo ahe Abisirayeli ukwihana n’uguharirwa ivyaha vyabo.


Mu ruvyaro rw’uyo muntu, ni ho Imana yacishije Yesu, umukiza w’Abisirayeli, nk’uko yari yarabisezeranye.


Kuko Kristo ubwiwe yitanze nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu, kandi si ivyacu gusa, ahubwo ni ivy’abari mw’isi bose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite