7 Ntutangazwe n’uko ndakubwiye nti: ‘Utegerezwa kuvuka ubwa kabiri.’
7 Ntutangazwe n’uko nkubgiye, nti Murakwiye kuvyarwa ubga kabiri.
Yesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, nta muntu n’umwe ashobora kubona Ubwami bw’Imana, atavutse ubwa kabiri.”
Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.
Ubu rero ko mwiyejeje mu kwumvira ukuri, bigatuma mugiriranira urukundo ruva ku mutima vy’ukuri, nimukundane cane nk’abavukana kandi n’imitima yanyu yose.
Murondere kubana amahoro n’abantu bose no kubaho ubuzima bwejejwe, kuko abatejejwe ntibazobona Imana.
mushima Data yabashoboje gusangira n’abera biwe umugabane mu bwami bw’umuco.
Nimba nababwiye ibintu vyo kw’isi ntimwizere, mwoshobora mute kwizera ndababwiye ivyo mw’ijuru?
Ibi ntibibatangaze, kuko igihe kiraje aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe,
Umubiri uvyara umubiri, ariko Mpwemu avyara impwemu.
Umuyaga uhuhutira aho ushaka, wewe ukumva uhuhuta gusa, ariko ntushobora kumenya iyo uzanana canke iyo uja. Uko ni ko bimera no ku wuvyawe na Mpwemu.”