Ubu rero Yesu yarasubiye mw’ijuru. Yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi abamarayika, abanyabushobozi n’abanyabubasha bose bari musi y’ubushobozi bwiwe.
Kuko Ivyanditswe bivuga biti: “Imana yashize vyose musi y’ububasha bwiwe.” Ariko rero bivuze ko “vyose” biri musi y’ububasha bwiwe, biragaragara ko bitaba bishizemwo Imana kuko ni yo ishira vyose musi y’ububasha bwa Kristo.