Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:33 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Ariko uwemera intahe yiwe wese aba yemeje ko Imana ivuga ukuri.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Uwemeye ugushinga intahe kwiwe aba ateye igikumu ngw Imana n’iy’ ukuri.

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:33
17 Referans Kwoze  

Imana na yo yakoresheje indahiro, kugira ngo abahawe isezerano bamenye badakekeranya ko idashobora guhindura ico yavuze.


Kandi namwe abanyamahanga mwarumvise Ubutumwa bw’ukuri, bwatumye Imana ibakiza, hanyuma mumaze kwizera Kristo, yabashizeko ikimenyetso cerekana ko muri abiwe mu kubaha Mpwemu Yera, uwo yari yarasezeranye kuva kera.


idushirako ikimenyetso co kuba abayo, igashira Mpwemu wayo mu mitima yacu nk’ingwati y’ivyo yadusezeraniye vyose.


Nk’uko Imana ari umwizigirwa, ubutumwa bwacu ntibuvuga ngo “Egome” bisigura “Oya.”


Ntimugakorere ivyokurya bibora, ahubwo nimukorere ivyokurya bihoraho kandi bitanga ubugingo budashira, ivyo Umwana w’Umuntu azobaha, kuko Imana Data ari we yahaye ububasha bwo gukora ivyo.”


Mfise vyinshi nobavugako kandi mfise vyinshi vyobatsindisha. Ariko mbwira ab’isi ivyo numvise uwantumye avuga gusa, kandi avuga ukuri.”


Yakebwe mu nyuma, kandi ukwo gukebwa kwiwe cari ikimenyetso cerekana ko kubera ukwizera kwiwe, Imana yari yaramaze kumwemera nk’uwugororotse imbere yuko akebwa. Gutyo, mu buryo bw’impwemu Aburahamu ni we sekuruza w’abizera bose naho boba batakebwe, kandi Imana irabemera ko bagororotse, kubera ukwizera kwabo.


Ninaheza ico gikorwa co kubashikiriza iyo mfashanyo, nzoheza mpite ndabaramutsa ngiye muri Esupanye.


N’aho ntoba intumwa ku bandi, kuri mwebwe ndi yo. Namwe ubwanyu muri icemeza uko ndi intumwa y’Umwami.


Kandi ntimukababaze Mpwemu Yera w’Imana, uwo mwahawe nk’ikidodo cemeza ko muri abiwe, ku bwa wa musi aho muzocungurirwa.


Ariko, imfatiro zikomeye zashizweho n’Imana zirashimangiye. Zanditsweko aya majambo ngo: “Uhoraho arazi abiwe”; kandi ngo: “Abatura izina ry’Uhoraho bose bave mu kugabitanya.”


Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba tuyigize umubeshi kandi ijambo ryayo ntiriba riri muri twebwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite