Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Uwo ashingira intahe ivyo yabonye n’ivyo yumvise, yamara nta n’umwe yemera intahe yiwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Ico yabonye, kandi yumvise, ni co ashingira intahe, arik’ ugushinga intahe kwiwe nta wukwemera.

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:32
13 Referans Kwoze  

Ndakubwire ukuri, twebwe tuvuga ivyo tuzi, kandi dushingira intahe ivyo twabonye, ariko ntimwemera intahe yacu.


Sinkibita abakozi, kuko umukozi ntamenya ivyo shebuja akora. Mwebwe nabise abakunzi banje, kuko ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.


Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.


Mfise vyinshi nobavugako kandi mfise vyinshi vyobatsindisha. Ariko mbwira ab’isi ivyo numvise uwantumye avuga gusa, kandi avuga ukuri.”


Kuko Se arakunda Umwana akamwereka ivyo ariko arakora vyose. Ndetse azomwereka ibikorwa bikomeye kuruta ibi, kugira ngo mwumirwe.


Ariko uwemera intahe yiwe wese aba yemeje ko Imana ivuga ukuri.


Nuko baza aho Yohana ari bamubwira bati: “Rabi, wa muntu yari kumwe na we hakurya y’uruzi Yorodani, umwe washingira intahe, ariko arabatiza kandi abantu bose baja iyo ari.”


Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.


Pilato aramubwira ati: “Urumva rero uri Umwami!” Yesu aramwishura ati: “Uvuze ukuri, ndi Umwami. Icatumye mvuka nkaza kw’isi kwari ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Umuntu wese akunda ukuri aranyumviriza.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite