Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Bamwe mu bigishwa ba Yohana batangura guharira n’uwundi Muyuda umwe ku bijanye n’umugenzo wo kwihumanura.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Havyuka ibihāri ku bigishwa ba Yohana n’Umuyuda ku vyo kwihumanura.

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:25
9 Referans Kwoze  

Hafi yaho hari impange z’amazi zibajwe mu mabuye Abayuda bakoresha mu mugenzo wabo wo kwihumanura, kandi impange imwe yashobora kujamwo nk’amaritiro ijana.


inyigisho zijanye n’umubatizo, ukurambikwako ibiganza, ukuzuka kw’abapfuye n’urubanza rw’iherezo.


Jewe ndababatiza mu mazi kuko mwihanye ivyaha, ariko uwuje inyuma yanje arandusha ubushobozi, mbere ntibimbereye no kumutwaza ibirato. We azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.


Vyari bikwiye ko ihema n’ibiri muri ryo, na vyo akaba ari ishusho ry’ivyo mw’ijuru, vyezwa n’amaraso y’ibikoko. Ariko ivyo mw’ijuru vyari bikwiye kwezwa n’ibimazi biruta amaraso y’ibikoko.


Vyari ivyokurya no kunywa gusa n’imigenzo itandukanye yo kwiyuhagira. Yari amategeko yo ku mubiri gusa kugeza igihe ibintu vyari bigiye guhinduka.


Mureka amabwirizwa y’Imana mugashira imitima ku migenzo y’abantu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite