Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Iki ni co kibatsindisha: umuco waje mw’isi, ariko abantu bakunda umwijima kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Uku ni kwo gutsindwa, kuk’ umuco waje mw isi, arikw abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kukw ibikorwa vyabo ari bibi.

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:19
33 Referans Kwoze  

Nuko Yesu abandanya yigisha ba bantu, ababwira ati: “Jewe ndi umuco w’isi. Uwunkurikira ntazogendera mu mwijima, ahubwo azoronka umuco w’ubugingo.”


hanyuma kubera yuko banse kwizera ukuri, ariko bakanezerererwa ikibi bazocirirwe urubanza.


Ariko izosuka uburake n’ubushangashirwe bwayo kuri abo bose birukira ivyo imitima yabo ihahamiye, batumvira ukuri, bagakurikira ikibi.


kuko bakunda gushimwa n’abantu kurusha gushimwa n’Imana.


Kandi naho bazi ko Imana icira abakora ivyo urubanza rwo gupfa, ntibashishikara kubikora gusa, ahubwo bashima n’abandi babikora.


Mbega mwokwizera gute kandi murondera gushimana hagati yanyu, aho kurondera gushimwa n’Imana imwe rudende?


Ica mbere mukwiye kumenya ko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi, bacokora ukuri kandi bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi.


Muri we ni ho hari ubugingo, kandi ubwo bugingo bwari umuco w’abantu.


Uwo mukozi yari asanzwe azi ivyo shebuja agomba hanyuma ntavyitegurire ngo abikore, azohanwa bikomeye.


Kandi ngo: “Ni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha.” Batsitara kuko batumvira ubutumwa bari barateguriwe.


Isi ntishobora kubanka, ariko jewe iranyanka kuko ndayagiriza ibikorwa bibi.


Umuntu wese ahisemwo gukora ivyo Imana ishaka azotahura nimba inyigisho zanje ziva ku Mana canke ko ari amajambo yanje gusa.


Abafarisayo, kubera ko bakunda amahera cane, bumvise ivyo vyose baca baramutwenga.


Umuco wakiye mu mwijima, ariko umwijima ntiwawumenye.


Nkiri mw’isi, ndi umuco w’isi.”


Igihe co gucira iyi isi imanza kirageze; umutware wayo agira atererwe hanze.


Naje nk’umuco uboneshereza iyi si, kugira ngo ntihagire abanyizera baguma mu mwijima.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite