Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Yohana 3:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Kuko Imana yakunze abari kw’isi cane, bituma itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwizera wese ntaranduke, ariko aronke ubugingo budashira.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ ūmwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.

Gade chapit la Kopi




Yohana 3:16
28 Referans Kwoze  

Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.


kugira ngo uwumwizera wese aronke ubugingo budashira.


Ko itimanye Umwana wayo bwite, ariko ikamutanga ku bwacu twese, mbega ntizorushiriza kutugabira vyose hamwe na we?


Kuko ico Data ashaka ni uko uwubonye Umwana akamwizera agira ubugingo budashira, kandi nanje nzomuzura ku musi wa nyuma.”


Uwizera Umwana afise ubugingo budashira, ariko uwutamwizera ntazoronka ubugingo budashira, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.”


Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.


Nanje ndaziha ubugingo budashira, kandi ntizizokwigera zipfa. Nta n’umwe ashobora kuzinkura mu kuboko.


Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.


Ku musi ukurikira, Yohana abonye Yesu aje amutumbereye, aravuga ati: “Ng’uwu Umwagazi w’intama w’Imana, akura ivyaha vy’abari mw’isi.


Umwami wacu Yesu Kristo we nyene, n’Imana Data wa twese yadukunze, kandi hamwe n’ubuntu bwayo baduhe ukuremeshwa kw’ibihe bidashira n’ivyizigiro vyiza,


Ariko kubera urukundo rwinshi Imana, yo mutunzi w’imbabazi, yadukunze,


Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’ Kuko sinaje kurondera abiyumvira ko bagororotse, ahubwo naje kurondera abemera ko ari abanyavyaha.”


no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.


Jambo yahindutse umuntu abana natwe, yuzuye ubuntu n’ukuri. Natwe twariboneye ubwiza bwiwe; ni ubwiza bw’Umwana w’ikinege akura kuri Se.


Ariko ubuntu n’urukundo vy’Imana yo Mukiza wacu bimaze guhishurwa,


Nta muntu n’umwe yigeze abona Imana. Ariko Umwana w’ikinege, na we ubwiwe asanzwe ari Imana, akaba ari mu gikiriza ca Se, ni we yayiduhishuriye.


Umuhungu wiwe akunda cane ni we yari asigaranye yashobora gutuma. Nuko amurungika ubwa nyuma yibwira ati: ‘Umuhungu wanje we bazomusonera.’


“Icubahiro kibe ic’Imana mw’ijuru riri hejuru y’ayandi, kw’isi na ho amahoro abe mu bantu bayihimbara.”


Uwizeye Umwana w’Imana ntashobora gutsindwa n’urubanza. Ariko uwutamwizera wese aramaze gutsindwa n’urubanza, kuko atizeye izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.


Ico tubona ni iki: Yesu yagizwe uwuri musi y’abamarayika igihe gito, none ubu yambaye ubwiza n’icubahiro kuko yadupfiriye twese. Ni ku bw’ubuntu bw’Imana Yesu yapfiriye abantu bose.


Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite